Biblia Todo Logo
Bìoball air-loidhne

- Sanasan -




Ivyahishuwe 1:7 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

7 Eh’ arazanana n’ibicu, kand’ ijisho ryose rizomwibonera, n’abāmucumise bazomubona: kand’ amoko yose yo mw isi azoborogeshwa na we. Ni ko biri. Amen.

Faic an caibideil Dèan lethbhreac

Bibiliya mu Kirundi coroshe

7 “Ehe azananye n’ibicu,” kandi “amaso yose azomubona; n’abamucimise bazomubona,” kandi isi yose “izoboroga ku bwiwe.” Nibibe gutyo, Amen.

Faic an caibideil Dèan lethbhreac




Ivyahishuwe 1:7
36 Iomraidhean Croise  

Asenga Imana, na yo ikamuhāngaza, Bituma arāba mu nyonga hayo anezerewe: Kand’ ikagarukanira umuntu ukugororoka kwiwe.


Kukw imbga zinkikije, Umurwi w’inkozi z’ibibi wantaye hagati; Bantoboye ibiganza n’ibirenge.


Imana ikūre hasi, abansi bayo basābagire, Kand’ abayanka na bo bahunge bave imbere yayo.


Ibicu n’umwiza biramukikije: Ukugororoka n’imanza zibereye ni vyo ingoma yiwe ihagazeko.


Imbūri yo kuri Egiputa. Rāba Uhoraho areruwe n’ igicu cihuta, aja muri Egiputa; ibigirwamana vyo muri Egiputa bizohindira agashitsi imbere yiwe, umutima wa Egiputa uzoyagira mu nda.


Kandi mu vyo neretswe mw ijoro, nagize ntya mbona haje uwusa n’Umwana w’umuntu, azananye n’ibicu vyo kw ijuru, aza kuri wa Wundi wa mbere na mbere, baramumushikiriza.


Uhoraho ateba kuraka, kand’ afise ububasha bginshi, ntatsindanishiriza na gatoya abo gutsindwa; inzira y’Uhoraho ica mu gashururu no mu kirura, kand’ ibicu ni wo mukungugu utumurwa n’ibirenge vyiwe.


Kandi nzosuka ku nzu ya Dawidi no ku baba i Yerusalemu impwemu y’ubuntu n’iyo gusenga; kandi bazokwitegereza uwo bācumise; bazomuborogera nk’ ūborogera umwana wiwe w’ikinege, bamurware akabonge nk’ūkarwazwa n’imfura yiwe.


Kur’ uwo musi hazoba umuborogo ukomeye i Yerusalemu, nka ya maborogo yabaye i Hadadi‐rimoni mu kiyaya c’i Megidoni.


Ati Ndamubona, ariko s’ubu nyene; Ndamwitegereza, ariko ntari hafi. Inyenyeri izokomōka muri Yakobo, Icumu ry’ubugabe rizosokoroka muri Isirayeli, Ritobekeranye aba Mowabu mu mvuridahita, Rimene umutwe aba Sheti bose.


Kuk’ Umwana w’umuntu azohava aza afise ubgiza bga Se, azananye n’abamarayika biwe; ni ho azoca yishura umuntu wese ibikwiranye n’ivyo yakoze.


Ndababgire ukuri: Mur’ aba bahagaze hano harimwo bamwe batazobona urupfu gushitsa aho bazobonera Umwana w’umuntu aje mu bgami bgiwe.


Bun’ ikimenyetso c’Umwana w’umuntu kizobonekera kw ijuru, ni ho amoko yose yo mw isi azoboroga, bazobona Umwana w’umuntu aje mu bicu vyo kw ijuru ari n’ububasha n’ubgiza bginshi.


Arik’ Umwana w’umuntu ah’ azozira afise ubgiza bgiwe ari kumwe n’abamarayika biwe bose, ni ho azovyagira ku ntebe yiwe y’ubgiza:


Yesu aramwishura, at’ Urarivuze; yamara ndababgira yuk’ uhereye ubu muzobona Umwana w’umuntu yicaye i buryo bg’Ububasha, aje mu bicu vyo kw ijuru.


Ni ho bazobona Umwana w’umuntu aje mu bicu, ari n’ububasha bginshi n’ubgiza.


Yesu aramwishura, ati Ndi we; kandi muzobona Umwana w’umuntu yicaye i buryo bg’Ububasha, azananye n’ibicu vyo kw ijuru.


Ni ho bazobona Umwana w’umuntu aje mu gicu, ari n’ububasha n’ubgiza bginshi.


arik’ umwe mu basoda amucumita icumu mu rubavu; ako kanya hava amaraso n’amazi.


Kandi har’ ikindi canditswe, kivuga ngo Bazobona uwo bācumise.


kandi ngo mwitege Umwana wayo kw ava mw ijuru, umwe yazura imukuye mu bapfuye, ni Yesu, adukiza uburake bugira buze.


maze natwe abazoba bakiriho, dusigaye, tuzoca duteruranwa na bo mu bicu, dusanganirire Umwami mu kirēre. Ni ho tuzokwama tubana n’Umwami.


Mugira ng’umuntu ntazoba akwiye guhanwa ibirushirije cane, asiribanze Umwana w’Imana, akiyumvira amaraso y’isezerano yamwejeje kw ar’ igihumane, agacokora Mpwemu w’ubuntu?


maze bakagwa bakabivamwo, ntibishoboka gusubira kubahindura basha ngo bihane: kuko bongera kwibambira Umwana w’Imana, bakamutēterereza ahibonekeza.


Abo nkunda, none tur’ abana b’Imana, arik’ uko tuzomera ntikurahishurwa; ico tuzi, n’uko Yesu ni yahishurwa tuzosa na we, kuko tuzomurāba ukw ari.


Kandi Henoki, ni we yagira indwi uhereye kuri Adamu, yavugishijwe n’Imana ivyabo, at’ Eh’ Uhoraho yazananye n’amasinzi y’abera biwe,


Ūshingira intahe ivyo, aravuga, at’ Ego me, ndaza vuba. Amen, urakaza, Mwami Yesu.


bazorāba mu nyonga hayo, izina ryayo rizokwandikwa mu ruhanga rwabo.


Uhoraho we, abansi bawe bose baragapfa bartyo, Arikw abagukunda babe nk’ izuba rirashe risasitse! Maz’ igihugu gihabga impore kumara imyaka mirongwine.


Lean sinn:

Sanasan


Sanasan