Biblia Todo Logo
Bìoball air-loidhne

- Sanasan -




Ivyahishuwe 1:12 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

12 Mpindukira kurāba ijwi rivuganye nanje: mpindukiye mbona ibiterekwakw amatara ndwi vy’izahabu,

Faic an caibideil Dèan lethbhreac

Bibiliya mu Kirundi coroshe

12 Mpindukiye ngo ndabe uwuriko aramvugisha, nca mbona ibiterekwako amatara indwi bikozwe mu nzahabu,

Faic an caibideil Dèan lethbhreac




Ivyahishuwe 1:12
11 Iomraidhean Croise  

Uheze uz’ ugicurire amatara ndwi, ayo matara az’ aterekwe kuri co uburyo butuma abonesha imbere yaco.


Araheza agicurira amatara ndwi, n’imakasi zaco zo gutunganya urutambi, n’ udusahani two gushirwak’ umunyota warwo, abicuze mw izahabu iramuye.


Ijwi ry’Uhoraho rirasemerera, ribarira igisagara — kand’ umunyabgenge azokwubaha izina ryiwe — riti Ni wumve wa hanga we, nawe koraniro ryo mu gisagara!


arambaza, at’ Ubona iki? Ndamwishura, nti Mbona igiterekwakw amatara, cose gicuzwe mw izahabu, umubehe waco ur’ ahahera hejuru, ushamitsekw amatara ndwi; kand’ ayo matara ari hejuru kuri wo, rimwe‐rimwe rifise umuheha, yose ukw ar’ indwi.


kandi hagati y’ivyo biterekwakw amatara mbona uwusa n’Umwana w’umuntu, yambaye imyambaro ishika ku birenge, yambaye mu gikiriza umukanda w’izahabu.


Nuko wandike ivy’ ubonye n’ibiriho n’ibizoba hanyuma y’ivyo,


ibanga ry’inyenyeri ndwi izo umbonanye mu kuboko kwanje kw’i buryo, n’ivy’ ibiterekwakw amatara ndwi vy’izahabu. Inyenyeri ndwi ni zo bamarayika b’ayo mashengero ndwi, ibiterekwakw amatara ndwi na vyo ni vyo mashengero ndwi.


Andikira umumarayika w’ishengero ryo muri Efeso, ut’ Ūfashe inyenyeri indwi mu kuboko kw’i buryo, akagendera hagati y’ibiterekwakw amatara indwi vy’izahabu, aravuga ibi,


Hanyuma y’ivyo ndāvye mbona mw ijuru urugi rwuguruye, kandi rya jwi nabanje kwumva rivugana nanje ari nk’iry’ inzamba, rirambgira, riti Dūga uze hano, nkwereke ibikwiye kuzobaho hanyuma y’ivyo.


Lean sinn:

Sanasan


Sanasan