Biblia Todo Logo
Bìoball air-loidhne

- Sanasan -




Filipi 4:1 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

1 Nuko rero, bene Data, abo nkunda mporanira igishika, mur’ umunezero wanje n’igitsibo nambaye, muhagarare mushikamye murtyo muri mu Mwami wacu, abo nkunda.

Faic an caibideil Dèan lethbhreac

Bibiliya mu Kirundi coroshe

1 None rero, bene Data, abo nkunda kandi nipfuza cane kubona, mwebwe munezero wanje n’igitsibo canje, muhagarare mushikamye mu Mwami Yesu, bakunzi banje.

Faic an caibideil Dèan lethbhreac




Filipi 4:1
35 Iomraidhean Croise  

N’ukuri novyikorera ku rutugu, Nkavyipfundikako nk’igitsibo.


Abizigiye Uhoraho bameze nk’umusozi Siyoni Udashobora kunyiganyizwa, ariko wama ushimangiye gushitsa ibihe bidashira.


Ni witege Uhoraho: Rema, umutima wawe uhūmure: Nuko, ni witege Uhoraho.


Muzoba mwanswe na bose babahōra izina ryanje; arik’ uwihangana agashitsa iherezo ni we azokira.


Nuko Yesu abgira Abayuda bāri bamwemeye, ati Ni mwaguma mw ijambo ryanje, mur’ abigishwa banje vy’ukuri;


Na we amaze gushikayo, abonye ubuntu bg’Imana, biramunezereza, arabahanūra bose ngo bamaramaze mu mitima kwifatanya akaramata n’Umwami Yesu.


baremesha imitima y’abigishwa, babahanūra ngo bagume mu kwizera: kandi yuko dukwiye guca mu marushwa menshi mu kwinjira mu bgami bg’Imana.


Bashishikara cane mu vyo intumwa zigisha, no kugira ubumwe, no kumanyagura umutsima no gusenga.


Abarondera ubgiza n’icubahiro no kudapfa, bahora bakora ivyiza bihanganye, izobishura ubugingo budashira.


Nuko bene Data nkunda, mukomere ntimunyiganyige, murushirize imisi yose gukora ibikorwa vy’Umwami wacu, kuko muzi yuk’ ubutame bganyu atar’ ubg’ ubusa mu Mwami.


Mwame mugavye, mushikame mu kwizera, mube abagabo, mugire inkomezi.


nk’uko mwatwemeye agace, yuko tur’ ivyirato vyanyu, nk’uko namwe muzoba ivyacu ku musi w’Umwami wacu Yesu.


Kristo yatugobotoye ngo tube mu mwidegemvyo: nuko muhagarare mushikamye, ntimukongere kuzīngīrwa n’ugutwazwa ituntu n’ubuja.


Ariko kimwe gusa, ingeso zanyu zimere nk’uko bibereye ubutumwa bgiza bga Kristo, kugira ngo nje kubagendera canke ntaje, numve ivyanyu ko muhagaze mushikamye mufise impwemu imwe, muhuje umutima mu kurwanira ukwizera ubutumwa bgiza,


Imana ni yo ntanzekw icabona c’ingene mbagirira igishika mwese, mfise imbabazi za Kristo Yesu.


mwerekana ijambo ry’ubugingo; kugira ngo mbone ico nzokwirata ku musi wa Kristo, yuko ntirukiye ubusa kandi ntātamijwe n’ubusa.


kukw abagirira igishika mwese, akarandurwa umutima n’uko mwumvise yuko yar’ arwaye.


Epafura w’i wanyu, umugurano wa Kristo Yesu, arabatasha, yama abarwanira mu gusenga kwiwe kugira ngo mushikame, mutunganye rwose, mumenya neza mudakekeranya ivy’ Imana igomba vyose.


kugira ngw aremeshe imitima yanyu, ntigire umugayo, ibe iyera imbere y’Imana yacu ni yo Data wa twese, iz’ isangwe irtyo ah’ Umwami wacu Yesu azozananira n’abera biwe bose.


Nuko bene Data, mushikame, mugumye ivyo mwashikirijwe, mwigishijwe, ar’ ivyo mwigishirijwe mu majambo canke mu cete cacu.


Weho mwana wanje, ugirire ubushobozi mu buntu buri muri Kristo Yesu,


Tugumye ukwatura ivyizigiro vyacu ntikunyiganyige, kuk’ uwasezeranye ar’ uwo kwizerwa,


Kuko twacitse abasangiye Kristo, namba tubangirije rwose ivyizigiro vyacu twatanguranye gushitsa kw iherezo:


Nuko, ko dufise umuherezi mukuru akomeye, yaciye mw ijuru, ni Yesu Umwana w’Imana, tubangirize ivyo twizera tukavyatura.


None mweho, abo nkunda, kuko musanzwe muzi ivyo, mwirinde ngo ntimutwarwe n’ubuzimire bg’abatirinda, mugata ugushikama kwanyu.


Lean sinn:

Sanasan


Sanasan