Biblia Todo Logo
Bìoball air-loidhne

- Sanasan -




Filipi 3:1 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

1 Ibisigaye bene Data, munezererwe mu Mwami wacu. Kubandikira ben’ ivyo ntikundambira, kandi namwe kurabaremesha.

Faic an caibideil Dèan lethbhreac

Bibiliya mu Kirundi coroshe

1 Bene Data, munezerwe mu Mwami mu vyo mucamwo vyose! Ibi ntibingora gusubira kubibandikira, kuko ari kugira ngo bizigame ukwizera kwanyu.

Faic an caibideil Dèan lethbhreac




Filipi 3:1
46 Iomraidhean Croise  

Uko ni kw Abisirayeli bose bādūganye isandugu y’isezerano ry’Uhoraho basēsereza impundu, bavuza inzamba n’inzumbete n’ivyitwa matowazi, bavuza cane n’amakembe n’inanga.


Mwirate izina ryiwe ryera, Imitima y’abarondera Uhoraho inezerwe.


Uwo musi bararya baranywa bar’ imbere y’Uhoraho, bafise akanyamuneza kenshi. Maze bongera kwimika Salomo umuhungu wa Dawidi ubugira kabiri, ngw abe umwami, bamurobanuza amavuta imbere y’Uhoraho ngw abe segaba, na Sadoki ngw abe umuherezi.


Maze Nehemiya arababgira, ati Ni mutahe muje kurya inyama zinuze, munywe n’ibisosa, n’abatagira ico bafise mubarungikire, kuk’ uyu musi werejwe Uhoraho; ntimubabare, kuk’ umunezero w’Uhoraho ari zo nkomezi zanyu.


Ni ho uzonezererwa Īshobora vyose, Ukunamurira amaso yawe ku Mana.


Abisirayeli banezererwe Iyabaremye; Abana b’i Siyoni bagirire akaneza Umwami wabo.


Yemwe mwa bagororotsi, munezererwe Uhoraho, muhimbarwe: Yemwe abafise imitima itunganye mwese, muvuze impundu y’umunezero.


Munezererwe Uhoraho, yemwe bagororotsi. Gushima kurabereye abatunganye.


Uhimbarwe n’Uhoraho, Na we azoguha ivyo umutima wawe ugomba.


Ibi ndavyibuka, umutima ukantunturira mu nda, Ingene najana n’ishengero, mbajana mu ngoro y’Imana, Tugendana ijwi ry’akanyamuneza n’ishimwe, tur’ ikoraniro rigize umusi mukuru.


Ni ho abakwishimiye bazonezerwa, Umunezero uzobatera guhora bashira amajwi hejuru, kuk’ ubakīngiye, Kandi n’abakunda izina ryawe bazonezererwa muri wewe.


Uhoraho arahangamye; isi n’ihimbarwe; Ibizinga vyo mu kiyaga binezerwe uko bingana.


Uzobigosora umuyaga ubitumure, agashururu kabishwiragize: nawe uzohimbarwa n’Uhoraho, wirate Uwera w’ Abisirayeli.


Nzonezererwa cane Uhoraho, umutima wanje uvugirize impundu Imana yanje; kuko yanyambitse imyambaro y’agakiza, akansēsa hejuru umutamana w’ubugororotsi, nk’uk’ umukwe ashazisha igitsibo, kandi nk’uk’ umugeni ashazisha utugenegene twiwe.


rāba, abasavyi banje bazoririmbishwa n’ umunezero wo mu mitima, ariko mweho muzorizwa n’intuntu yo mu mitima, muborozwe n’ukw imitima yanyu isābijwe n’umubabaro.


Noneho ni munezerwe, yemwe bantu b’i Siyoni, munezererwe Uhoraho Imana yanyu: kukw ibahaye imvura y’agatāsi ku rugero rukwiye, kukw ibarekuriye imvura, ikabaha iy’ agatāsi n’iy’ urushana nk’ubga mbere.


Ririmba, wa mukobga w’i Siyoni; semerera, yemwe Bisirayeli; nezerwa uhimbarwe n’ umutima wawe wose, yewe mukobga w’i Yerusalemu.


Uhoraho Imana yawe ari hagati muri wewe n’umuhizi ashobora gukiza: azokunezererwa n’akanyamuneza, ahwekerere mu rukundo rwiwe; azokunezererwa avuza impundu,


Kand’ Abefurayimu bazomera nk’umuhizi, imitima yabo igire akaneza nk’agatewe na vino; mber’ abana babo bazobirāba bagire akaneza, imitima yabo izonezererwa Uhoraho.


Munezerwe, muhimbarwe, kukw impēra zanyu ari nyinshi mw ijuru: kukw ari ko bāhama abāvugishwa n’Imana ba mbere.


Umutima wanje unezererewe Imana Umukiza wanje:


Kandi si vyo vyonyene, arikw ikindi, tunezererwa Imana kubg’ Umwami wacu Yesu Kristo, yaduhesheje kwuzura na yo.


Ibisigaye bene Data, muganūke; mutungane rwose, mwemere guhanūrwa, muhuze imitima, mubane amahoro. Ni ho Imana Nyen’ urukundo n’amahoro izobana namwe.


Ibisigaye, muremesherezwe mu Mwami wacu, no mu bushobozi bgiwe bginshi.


Ariko muze mubirīre imbere y’Uhoraho Imana yanyu aho hantu azoba yātoranije, mubisangire n’abahungu banyu n’abakobga banyu n’abagurano banyu n’abaguranokazi banyu, n’Abalewi baba muri mwebge; muze munezererwe ibikorwa vyose mwakoze, ngaho nyene imbere y’Uhoraho Imana yanyu.


muheze munezererwe imbere yiwe, Uhoraho Imana yanyu, ha hantu nyene azoba yātoranije ngw ahashire izina ryiwe ngo rihabe, munezeranwe n’ abahungu banyu n’abakobga banyu, n’abagurano banyu n’abaguranokazi banyu, n’Abalewi baba i wanyu, n’inyambukīra n’ impfuvyi n’abapfakazi baba muri mwebge.


Kuko tweho tur’ abākebge, dusenga Imana mu buryo bga Mpwemu, tukirata Kristo Yesu, ntitwishimire ivy’ umubiri;


Mwame munezererwa mu Mwami wacu imisi yose; ndabivuze ubugira kabiri: ni munezerwe.


Ibisigaye bene Data, ivy’ ukuri vyose, ivyo kwubahwa vyose, ibigororotse vyose, ibitānduye vyose, ivy’ igikundiro vyose, ibishimwa vyose, ni haba harih’ ingeso nziza, ni haba hariho gushimwa, abe ari vyo mwiyumvira.


Nuko bene Data, ibisigaye, turabinginga tubahanūra mu Mwami Yesu, nk’uko mwize kuri twebge ingene mukwiye kugenda no kunezereza Imana (kandi ni ko mugenda), murushirize cane kugenza murtyo.


Mwiyumvire kw ar’ ivyo kunezererwa rwose, bene Data, ni mwagwa mu bibagerageza bitari bimwe,


Ibisigaye, mwese muhūze umutima, mubabarane, mukundane nk’abavukana, mugiriranire imbabazi, mwicishe bugufi mu mutima;


Ariko munezerezwe n’uko mufatanije n’imibabaro ya Kristo, kugira ngo no mu gihe co guhishurwa kw’ubgiza bgiwe muze munezerwe muhimbarwe.


Abo nkunda, non’ iki ni co cete ca kabiri mbandikiye, mur’ ivyo vyompi ndakangura imitima yanyu ikeye, mbibutsa;


Maze Hana arasenga, at’ Umutima wanje uvugiriza Uhoraho impundu, Ihembe ryanje rivyuwe n’ Uhoraho; Akanwa kanje kāsamiye abansi banje, Kuko nnejerejwe n’agakiza kiwe.


Lean sinn:

Sanasan


Sanasan