Biblia Todo Logo
Bìoball air-loidhne

- Sanasan -




Filemoni 1:7 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

7 Kuk’ urukundo rwawe rwanteye umunezero mwinshi rukandemesha, kand’ imitima y’abera warayiruhuye, mwene Data.

Faic an caibideil Dèan lethbhreac

Bibiliya mu Kirundi coroshe

7 Urukundo rwawe rwanteye umunezero mwinshi rwongera runtera intege, kuko waremesheje imitima y’abizera.

Faic an caibideil Dèan lethbhreac




Filemoni 1:7
11 Iomraidhean Croise  

kuko bāhēmbūye umutima wanje, bo n’uwanyu: mwame mwibuka abameze bartyo.


Ni co catumye duhūmurizwa. Kandi mur’ ukwo guhūmurizwa turushiriza guterwa umunezero n’umunezero wa Tito, kuk’ umutima wiwe waruhuwe namwe mwese.


Mvuga ntababembeteranyako na mba, ndabirata cane. Nuzuye ihūmure, ndushiriza kunezerwa mu marushwa yacu yose.


twibuka ubudasība ibikorwa vyanyu biva ku kwizera, n’ubutame buva mu rukundo, n’ukwihangana kuva ku kwizigira Umwami wacu Yesu Kristo, imbere y’Imana yacu, ni yo Data wa twese.


Natwe igituma dushima Imana ubudasība, n’uko hamwe mwākīra ijambo ry’ubutumwa mwatwumvanye, ni ryo ry’Imana, mutāryemeye nk’ijambo ry’abantu, ariko nk’ijambo ry’Imana, nk’uko riri koko, rikorera muri mwebge abizera.


Non’ ivyizigiro vyacu n’iki, cank’ umunezero, cank’ igitsibo co mu mutwe twirata? Mbega si mwebge, imbere y’Umwami wacu Yesu ah’ azozira?


N’ishimwe ki twoshobora kwishura Imana kubganyu, kubg’ umunezero wose tubanezererwa imbere y’Imana yacu?


Umwami agirire abo kwa Onesiforo ikigongwe, kuko yanduhura kenshi, kandi ntiyatewe n’isoni n’umunyororo wanje,


Ego, mwene Data, nkubonemw’ ikimazi mu Mwami wacu: unduhure umutima muri Kristo.


Ndanezerewe cane, kuko nasanze bamwe mu bana bawe bagendera mu kuri, nk’uko twagezwe na Data wa twese.


Lean sinn:

Sanasan


Sanasan