Biblia Todo Logo
Bìoball air-loidhne

- Sanasan -




Filemoni 1:14 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

14 Ariko nta co ngomba gukora ntakugishije inama, kugira ngw iciza ukora ntikibe ic’ ugōberewe, arik’ ugikore ubikunze.

Faic an caibideil Dèan lethbhreac

Bibiliya mu Kirundi coroshe

14 Ariko sinashatse kugira ico nkoze ntakugishije inama, kugira ngo iciza cose wonkorera ugikore bivuye ku mutima, ata gahato.

Faic an caibideil Dèan lethbhreac




Filemoni 1:14
10 Iomraidhean Croise  

Kandi Mana yanje, nzi yuk’ usuzuma umutima, kandi k’uhimbarwa n’ubugororotsi. Nanje nshikanye ibi bintu vyose bivuye mu mutima ugororotse. Kand’ ubu ngize akanyamuneza kubona abantu bawe bari hano bagushikanira n’imitima ikunze.


Abantu bawe bitanga babikunze ku musi ugomora ingabo zawe; Abasore bawe baza ah’ uri nk’ikime, Bashazishije ukwera, bavuye mu nda y’agatondotondo.


Ngenjeje ntyo mbikunze, ndagererwa; ariko ngenjeje ntyo ntabikunze na ho nyene ngōbērwa n’ububgiriza nizigiweko.


Ni nde yigeze kwitunga, ar’ umusoda? Ni nde yotera uruzabibu ntarye inzabibu zarwo? Canke ni nde yoragira ubusho, ntabunywe?


S’uko tuganza ukwizera kwanyu, ariko dukorana namwe mu bibungura umunezero: kuk’ ukwizera ari kwo muhagazemwo.


Kukw iyo har’ umutima ukunze, wemerwa ku vy’umuntu afise, si ku vy’ adafise.


Ni co gitumye niyumviriye yuko nkwiye kwinginga abo bene Data kunyitangira imbere mu kuza i wanyu, ngo babanze gutunganya ivy’ ubuntu mwasezeranye kera, bibe vyiteguwe nk’ivy’ ubuntu, ata kinubge.


Umuntu wese atange nk’ukw abigabiye mu mutima wiwe, atababaye cank’ atagōberewe, kukw Imana ikunda ūtanga anezerewe.


Lean sinn:

Sanasan


Sanasan