Biblia Todo Logo
Bìoball air-loidhne

- Sanasan -




Daniyeli 9:8 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

8 Bgirukiro, tweho mu maso hacu, twe n’abami bacu n’abaganwa bacu na ba sogokuruza bacu hasigaye hamāramāzwa n’isoni, kuko twagucumuyeko.

Faic an caibideil Dèan lethbhreac




Daniyeli 9:8
15 Iomraidhean Croise  

kuko bākoze ibibi imbere yanje, bakantera umwikomo bakandatsa, uhereye ku musi ba sekuruza bāviriye muri Egiputa gushitsa na bugingo n’ubu.


maze bakīsubiramwo bari mu gihugu bajanywemw’ ar’ inyagano, bagahindukira, bakagutakambira bari mu gihugu banyagiwemwo, bati Twaracumuye, twaragabitanije, twakoze nabi;


None tega ugutwi kwawe wumvirize, tereza n’inyonga zawe witegereze, kugira ngo wumve ugusenga kwanje, jewe umusavyi wawe nsengera imbere yawe mur’ iyi misi ku murango no mw ijoro, nkwingingira abasavyi bawe b’ Abisirayeli, nātura ivyaha twebge Abisirayeli twagucumuyeko; mbere twe n’inzu ya data twaracumuye.


Kuk’ uhereye kera hose ata ho abantu bīgeze kwumva, canke ngo bibagwe mu matwi, canke ngo baboneshe amaso iyindi mana igira ico imarira abayīteze atari wewe.


Ewe Uhoraho, twemeye ibibi vyacu, n’ibigabitanyo vya ba sogokuruza, kuko twagucumuyeko.


kubg’ ibibi vyose Abisirayeli n’Abayuda bakoze kugira ngo bantere ishavu, bo n’abami babo n’abaganwa babo n’abaherezi babo, na ba kamenyi babo n’abagabo b’i Buyuda n’ababa i Yerusalemu.


Mbega ni jewe baritera gusa? Si bo baryitera, ngo bibazanire ukumāramāra? ni jewe Uhoraho mbibajije.


Uhoraho aragororotse, ariko jeho nagararije ivyagezwe vyiwe: Ni mwumve ndabinginze, mwebge mwa mahanga yose, mwitegereze umubabaro wanje: Abakobga banje n’abahungu banje bagiye ar’ inyagano.


Tuti Twaracumuye, turagarariza; ntiwaduharira.


Ibitsibo vyo ku mitwe yacu birakorotse: Tubonye ibara, kuko twakoze ivyaha.


kugira ng’ ubone kwibuka, utētērwe, ntukūreko n’umunwa, kubg’ isoni uzoba ufise, ni naheza kuguharira ivyo wakoze vyose, ni k’Umwami Uhoraho agize.


Ariko hāgararije amabgirizwa yanje, hakora ibibi kurusha abanyamahanga; hāgararije ivyagezwe vyanje kurusha ibihugu bihakikije; bāshibuye amabgirizwa yanje, n’ ivyagezwe vyanje ntibābigenderamwo.


Umwami Imana yacu ni we afise imbabazi no guharira ivyaha, naho twamugararije,


Lean sinn:

Sanasan


Sanasan