Biblia Todo Logo
Bìoball air-loidhne

- Sanasan -




Daniyeli 9:4 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

4 Nsenga Uhoraho Imana yanje, ndātura, nti Bgirukiro Mana nkuru y’igitinyiro, wewe wama ushitsa isezerano, ukagirira imbabazi abagukunda bakitondera ivyagezwe vyawe:

Faic an caibideil Dèan lethbhreac




Daniyeli 9:4
30 Iomraidhean Croise  

aravuga, at’ Uhoraho, Mana y’Abisirayeli, nta mana ihwanye nawe, uhereye hejuru mw ijuru no hasi kw isi; ni wewe wama ushitsa amasezerano, ukagirira imbabazi abasavyi bawe bagendera imbere yawe bitonze n’imitima yabo yose;


maz’ abantu banje bītirirwa izina ryanje ni bicisha bugufi bagasenga barondera mu nyonga hanje, bagahindukira bakareka ingeso zabo mbi, nuko nanje nzokwumva ndi mw ijuru, mparire ivyaha vyabo, nkize n’ igihugu cabo.


Nuko Ezira agisenga yātura, kand’ arira, yikubise hasi imbere y’ingoro y’Imana, ikoraniro rinini cane ry’Abisirayeli, abagabo n’abagore n’abana, bakoranira ah’ ari; kand’ abantu bararira cane.


Ndavuga, nti Ndakwinginze, ewe Uhoraho, Mana Nyen’ ijuru, Mana nkuru uteye ubgoba, ukagumya isezerano n’ imbabazi ugirira abagukunda bakitondera ivyagezwe vyawe.


None, Mana yacu, Mana nkuru, uhambaye uteye ubgoba, ni wewe ugumya isezerano n’ikigongwe, turakwinginze amagorwa yose twabonye ntuyite ikintu coroshe, ayatubayeko twe n’abami bacu, n’abakuru bacu, n’abaherezi bacu, n’abavugishwa bacu, na ba sogokuruza bacu, eka n’abantu bawe bose, uhereye igihe c’abami b’i Ashuri ugashitsa na bugingo n’ubu.


Nakwemereye icaha canje, sinatwikiriye ukugabitanya kwanje; Naravuze, nti Ndāturira Uhoraho ibicumuro vyanje: Nawe umparira ukugabitanya kw’icaha canje. Sela.


nkagirira ikigongwe abankunda, bakitondera ivyagezwe vyanje, nkageza ku runganwe rwabo uko ruzogenda rukurikirana gushitsa igihumbi.


Pfa kwemera gusa ukugabitanya kwawe, ko wancumuyeko, jewe Uhoraho Imana yawe, ugakwiragira irya n’ino ku mana z’inyamahanga musi y’igiti cose gitōtahaye, ntiwumvire ijwi ryanje, ni jewe Uhoraho mbivuze.


baracinjira barakiganza; yamara banka kukwumvira, no kugendera mu vyagezwe vyawe; ntibakora na kimwe mu vyo wabageze vyose gukora: ico ni co catumye ubatēza ivyo vyago vyose.


Maze Daniyeli amenye kw ico candiko casinyweko, aja i we; kand’ amadirisha y’inzu yiwe yerekeye i Yerusalemu yama yuguruye; akomeza gupfukama gatatu‐gatatu ku musi, asenga Imana yiwe ayikengurukira, nk’uko yar’ asanzwe abigenza.


Mpanga amaso Umwami Imana, kugira ngo niyegurire gusenga no gutakamba, nisonzesha, nambaye amagunira, nīsīze umunyota.


Kand’ igirire ba sogokuruza imbabazi, Yibuke isezerano ryayo ryera,


Kandi turazi yuko ku bakunda Imana vyose bifataniriza hamwe kubazanira ivyiza, abāhamagawe nk’uko yabigabiye.


nkagirira īkigongwe abankunda, bakitondera ivyagezwe vyanje, nkageza ku runganwe rwabo uko ruzogenda rukurikirana gushitsa igihumbi.


Maze ni mwumvira ayo matēka ashinzwe, mukayitondera, mukayashitsa, Uhoraho Imana yanyu azobashikiriza isezerano, abagirire imbabazi, nk’uko yarahiye ba sogokuruza;


Ntimuze mubatinye, kuk’ Uhoraho Imana yanyu ari hagati muri mwebge, ar’ Imana ihambaye iteye ubgoba.


Nuko rero mumenye yuk’ Uhoraho Imana yanyu ari yo Mana; n’Imana yo kwizigirwa, yama ishitsa isezerano, ikagirira imbabazi abayikunda, bakitondera ivyagezwe vyayo, ikageza ku runganwe rwabo uko ruzogenda rukurikirana gushitsa igihumbi;


Hahirwa umuntu yihanganira ibimugerageza, kuko ni yamara kurama azohabga igitsibo c’ubugingo, ico Imana yasezeraniye abayikunda.


Ni mwumve, bene Data nkunda. Mbeg’ Imana ntiyatoranirije aboro b’ivy’ isi kuba abatunzi mu kwizera, no kuragwa ubgami yasezeraniye abayikunda?


Lean sinn:

Sanasan


Sanasan