Daniyeli 9:4 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)4 Nsenga Uhoraho Imana yanje, ndātura, nti Bgirukiro Mana nkuru y’igitinyiro, wewe wama ushitsa isezerano, ukagirira imbabazi abagukunda bakitondera ivyagezwe vyawe: Faic an caibideil |
None, Mana yacu, Mana nkuru, uhambaye uteye ubgoba, ni wewe ugumya isezerano n’ikigongwe, turakwinginze amagorwa yose twabonye ntuyite ikintu coroshe, ayatubayeko twe n’abami bacu, n’abakuru bacu, n’abaherezi bacu, n’abavugishwa bacu, na ba sogokuruza bacu, eka n’abantu bawe bose, uhereye igihe c’abami b’i Ashuri ugashitsa na bugingo n’ubu.