Biblia Todo Logo
Bìoball air-loidhne

- Sanasan -




Daniyeli 9:3 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

3 Mpanga amaso Umwami Imana, kugira ngo niyegurire gusenga no gutakamba, nisonzesha, nambaye amagunira, nīsīze umunyota.

Faic an caibideil Dèan lethbhreac




Daniyeli 9:3
30 Iomraidhean Croise  

Ni co catumye Dawidi yinginga Imana kubg’ uwo mwana, akisonzesha, akinjira mu nzu agakesha ijoro arambaraye hasi.


Maze Ezira arahaguruka ava imbere y’ingoro y’Imana, aja mu cumba ca Yehohanani mwene Eliyashibu; arikw ashitseyo ntiyagira ic’ atamira, nta n’amazi yasomye, kuko yari yababajwe n’ igicumuro c’abāvuye mu kinyago.


Maze ntāngāriza aho nyene kur’ urwo ruzi Ahava ivyo kwisonzesha, kugira ngo twicishe bugufi imbere y’Imana yacu, ngo tuyisabe iduhe kugira urugendo rwiza, twebge n’abana bacu n’ ibintu vyacu vyose.


Ikimazi ca ni kera kimaze gushikanwa, mva hasi aho nari nicaye ntēterewe, imvune yanje n’ umutamana wanje ar’ ibitabagurike; nca nkubita amavi hasi, nayira amaboko Uhoraho Imana yanje;


Maze ku musi ugira mirongwibiri na kane wo mur’ ukwo kwezi, Abisirayeli barakorana, barisonzesha bambaye amagunira, bīrengeje imikungugu ku mitwe.


ati Genda ukoranirize hamwe Abayuda bose bar’ i Shushani, mwisonzeshe kubganje, mumare imisi itatu ku murango no mw ijoro mutagira ico murya canke munywa; nanje twe n’incoreke zanje tuzokwisonzesha durtyo nyene, mpeze mbone gushika ah’ umwami ari, nah’ ar’ uguca mu cagezwe: kandi namba ndamukiwe no gupfa, mpfe!


Ni co kinteye kwizinukwa, nkihana Nigaragura mu mukungugu no mu munyota.


Ariko jeho, uko bārwara, imyambaro yanje yaba amagunira, Nababarisha ubugingo bganje kwisonzesha, Ngasenga ncuritse umutwe mu gikiriza.


Kur’ uwo musi Umwami Uhoraho Nyen’ ingabo yahamagariye abantu kwiririra no kwiborogera no kwimosha inkomvorera no gukenyera amagunira:


ati Mpamagara, nanje ndakwitaba, nkwereke ibihambaye n’ivyikinze, ivy’ utaribgamenye.


Uku ni k’Umwami Uhoraho agize, at’ Ab’ inzu ya Isirayeli bazosubira kunsigūza ivyo, kugira ngo mbibakorere: nzobagwiriza abantu nk’umukuku.


Maze Daniyeli amenye kw ico candiko casinyweko, aja i we; kand’ amadirisha y’inzu yiwe yerekeye i Yerusalemu yama yuguruye; akomeza gupfukama gatatu‐gatatu ku musi, asenga Imana yiwe ayikengurukira, nk’uko yar’ asanzwe abigenza.


mur’ uwo mwaka wa mbere ari ku ngoma, jewe Daniyeli namenyeshejwe n’ibitabo igitigiri c’imyaka Yerusalemu hazomara ar’ imisaka, kw ar’ imyaka mirongwirindwi, ari yo nyene ijambo ry’Uhoraho ryavuze, arivugishije Yeremiya.


Nuko nkivuga, nsenga nātura icaha canje n’ic’ ubgoko bgacu bg’Abisirayeli, kandi ngitakambira Uhoraho Imana yanje umusozi wayo wera;


Nsenga Uhoraho Imana yanje, ndātura, nti Bgirukiro Mana nkuru y’igitinyiro, wewe wama ushitsa isezerano, ukagirira imbabazi abagukunda bakitondera ivyagezwe vyawe:


Yemwe baherezi, mukenyere amagunira, murire; namwe abasukūra ku gicaniro, ni muboroge; enda ni muze mukēshe ijoro mwubaraye, mwambaye amagunira, yemwe basuku b’Imana yanje: kukw ishikanwa ry’ifu n’ibiturire vyimanywe ngo ntibize mu ngoro y’Imana yanyu.


Enda naho bigeze iyo, ni k’ Uhoraho agize, ni mungarukeko n’imitima yanyu yose, mwisonzesha, murira, muboroga;


Maz’ abantu b’i Ninewe bemera Imana, bashinga ngo habeho kwisonzesha, baca bambara amagunira, uhereye k’ūhambaye ugashitsa kuri nyarucari hanyuma y’abandi.


Ariko ben’ urya ntakūrwamwo n’ikindi atar’ ugusenga no kwisonzesha.]


kandi yamaze imyaka mirongumunani n’ine ar’ umupfakazi, ntiyava mu rusengero gusenga, yisonzesha yinginga, ku murango no mw ijoro.


Koruneliyo ati Hashize imisi ine, nka bugingo ubu, nariko ndasenga ar’ isaha cenda, ndi mu nzu yanje; maz’ umuntu ahagarara imbere yanje, yambaye impuzu ikayangana,


Lean sinn:

Sanasan


Sanasan