Biblia Todo Logo
Bìoball air-loidhne

- Sanasan -




Daniyeli 9:25 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

25 Nuk’ umenye, utahure, yuk’ uhereye igihe icagezwe kizoshingirwa co kuvyura no kwubaka Yerusalemu gushitsa kuri Mesiya Segaba, hazocah’ amayinga ndwi; maze habeh’ ayandi mayinga mirongwitandatu n’abiri, hasubire kwubakwa, basubizeh’ imiharuro n’ imigende; mbere bizoba bikorwa mu bihe bigoye.

Faic an caibideil Dèan lethbhreac




Daniyeli 9:25
32 Iomraidhean Croise  

Maz’ umwami abarira Sadoki, ati Subiza isandugu y’Imana ku murwa; Uhoraho ni yangirira ubuntu azongarukanayo, anyereke iyo sandugu yiwe n’ah’ aba.


Nukw igikorwa c’ingoro y’ Imana ir’i Yerusalemu barakireka, gushitsa mu mwaka ugira kabiri Dariyo umwami w’i Buperesi ari ku ngoma.


Hanyuma y’ivyo, ku ngoma ya Aritazeruzi umwami w’i Buperesi, haza Ezira mwene Seraya, Seraya wa Azariya, Azariya wa Hilukiya,


Nuko Ezira ashika i Yerusalemu mu kwezi kwa gatanu kwo mu mwaka ugira indwi nyene uwo mwami ari ku ngoma.


Bukeye Eliyashibu, umuherezi mukuru, hamwe na bagenzi biwe b’abaherezi, bashirako bubaka irembo ry’intama; bararihezagira, bashiraho n’inzugi zaryo; bakomeza kwubaka barinda bashitsa ku munara wa Hameya, na wo barawuhezagira; bavudukaho bashitsa no ku munara wa Hananeli.


avugira imbere ya bagenzi biwe n’imbere y’ingabo z’i Samariya, ati Barya bagoyigoyi b’Abayuda bakora ibiki? Mbega bagomba kwizitirira? Canke bazotanga ibimazi? Mbega bagomba kwubaka ngo buzuze ku musi umwe? None bozīkurura amabuye bayakūra mu bishingwe kandi yarahiye?


bahiga imihigo bose yuko bazoja gutera i Yerusalemu no kutuburabuza.


Ku musi ugira mirongwibiri na gatanu w’ukwezi kwa Eluli ni ho twarangije uruzitiro, tumaze imisi mirongwitanu n’ibiri turwubaka.


Kukw abansi banje bamvuga, Ababundira ubugingo bganje baja inama:


igihe co kwica n’igihe co gukiza; igihe co gusambura n’igihe co kwubaka;


Rāba, ndamutanze ngw abe icabona co gushingira intahe amahanga, ngw abe n’umukuru na segaba w’amahanga.


Kuk’ umwana atuvukiye, duhawe umwana w’umuhungu; ubutware buzoba ku bitugu vyiwe: azokwitwa Igitangaza, Umujanama, Imana y’ubushobozi, Data wa twese ahoraho, Umukama w’amahoro.


Nuko ryīgira agahambaye, mbere ryiringaniza n’umugabisha w’izo ngabo, rimunyaga ikimazi co kwoswa gihora gitangwa uko bukeye, inyubako z’ahēra hiwe zirasangangurwa.


Akenge kiwe kazotuma ivy’ ubugunge birorana; azokwīgira agahambaye mu mutima wiwe, ageseze benshi ata co binona; mber’ azohaguruka kurwanya Umwami w’abami; arikw azovunagurika, ata wumukozeko.


Ugitangura gutakamba hacuwe ijambo, kandi nzanywe no kurikubarira, kuk’ ur’ umukundwa cane; nukw iryo jambo uryiyumvire cane, utahure n’ivyo weretswe.


Rinda ushikame, wa boma we! Kuko badutanze irya n’ino: umucamanza w’Abisirayeli bazomukubita inkoni kw itama.


Ariko wewe, Betelehemu Efurata, nah’ ur’ inkehwa mu bihumbi vy’i Buyuda, muri wewe hazomviramw’ ūzoba segaba mu Bisirayeli; amamo yiwe yahereye kera hose, ibihe n’ibindi.


Uwabibge mw ivu ryiza ni we yumva iryo jambo, akaritahura, uwo ni we rero yama imbuto, umwe akagira ijana, uwundi mirongwitandatu, uwundi mirongwitatu, birtyo birtyo.


Nukw aho muzobonera ca kizira c’ubuyobe bg’ubugesera, gihagaze ahantu hēra, cavuzwe na Daniyeli yavugishwa n’Imana — ūsoma ni yiyubare —


Ariko, aho muzobonera ca kizira c’ubuyobe bg’ubugesera gihagaze aho kidakwiye, (ūsoma ni yiyubare), ico gihe abazoba bar’ i Yudaya baze bahungire ku misozi miremire,


Uyo abanza kurondera mwene nyina Simoni, aramubgira, ati Twabonye Mesiya (risobanurwa ngo Kristo).


Nya mugore aramubgira, ati Ndazi ko Mesiya azoza yitwa Kristo; uwo ah’ azozira ni we azoduserurira vyose.


wa Mukuru w’ubugingo muramwica; arikw Imana muzura mu bapfuye, natwe tur’ ivyabona vyo gushingira intahe ivyo.


Uyo Imana yaramushize hejuru n’ukuboko kwayo kw’i buryo, ngw abe Umukuru n’Umukiza, ngw ahe Abisirayeli kwihana no guharirwa ivyaha.


Filipo yirukirayo, yumva asoma muri Yesaya yavugishwa n’Imana; aramubaza, at’ Ivyo usoma urabitahuye?


mugura uburyo mubugwiza, kukw imisi ari mibi.


no kuri Yesu Kristo, icabona co kwizigirwa, imfura y’abari barapfuye, ūganza abami bo mw isi. Umwe adukunda, yatubohoje ivyaha vyacu amaraso yiwe,


Kandi ku mpuzu ziwe no ku kibero, afise izina ryanditsweko, ng’ UMWAMI W’ABAMI, ŪGANZA ABAGANZA.


Lean sinn:

Sanasan


Sanasan