21 nkiriko ndavuga nsenga, wa mugabo Gaburiyeli nabonye mu vyo nabanje kwerekwa, aratumwa aguruka n’ingoga, anyegēra nko mu gihe co gutanga ikimazi ca ni kera.
Maz’ igihe co gutanga ikimazi ca ni kera kigeze, uwo muvugishwa n’Imana Eliya yīgira hafi, aravuga, at’ Ewe Uhoraho, Mana ya Aburahamu na Isaka na Isirayeli, uyu musi bimenyekane kw ari wewe Mana mu Bisirayeli, nanje ko nd’ umusavyi wawe, kandi ko nkoze ibi vyose kubg’ ijambo ryawe.
Maz’ umumarayika w’Umwami Imana amuhagarara i ruhande, umuco ubonesha mu nzu. Akoma Petero mu mbavu, aramukangura, ati Vyuka n’ingoga. Iminyororo imuva ku maboko, irakoroka.