Biblia Todo Logo
Bìoball air-loidhne

- Sanasan -




Daniyeli 9:21 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

21 nkiriko ndavuga nsenga, wa mugabo Gaburiyeli nabonye mu vyo nabanje kwerekwa, aratumwa aguruka n’ingoga, anyegēra nko mu gihe co gutanga ikimazi ca ni kera.

Faic an caibideil Dèan lethbhreac




Daniyeli 9:21
27 Iomraidhean Croise  

Maz’ igihe c’amashōka kirenze, batangura kuvovota, gushitsa igihe kigeze co gutanga ikimazi ca ni kera; ariko ntihagira ijwi ribītaba, cank’ ikibishura, cank’ ikibababara.


Maz’ igihe co gutanga ikimazi ca ni kera kigeze, uwo muvugishwa n’Imana Eliya yīgira hafi, aravuga, at’ Ewe Uhoraho, Mana ya Aburahamu na Isaka na Isirayeli, uyu musi bimenyekane kw ari wewe Mana mu Bisirayeli, nanje ko nd’ umusavyi wawe, kandi ko nkoze ibi vyose kubg’ ijambo ryawe.


Muhimbaze Uhoraho, mwebge bamarayika biwe: Mwebge banyenkomezi nyinshi bashikisha ijambo ryiwe Kubangira ugutwi ijwi ry’ ijambo ryiwe.


Uhindura abamarayika bawe imiyaga, Abasavyi bawe ubahindura umuriro waka.


Ugusenga kwanje gushirwe imbere yawe nk’imibavu, N’amaboko yanje kuyatarika kube nk’ikimazi co ku mugoroba.


Umwagazi umwe uz’ uwutange mu gitondo, uwundi ku mugoroba.


Abaserafi bari bahagaze hejuru yiwe: umuserafi wese yar’ afise amababa atandatu: abiri yayatwikiriza mu maso, yandi abiri yayatwikiriza ibirenge, yandi abiri yarayagurukisha.


Kandi mu maso havyo n’amababa yavyo vyari bihānye inta ahahera hejuru; amababa abiri ya kimwe‐kimwe yasomana n’ay’ ikindi, yandi abiri agatwikira umubiri waco.


Ivyo binyabugingo vyariruka bigakimirana, bisa n’imiravyo irabagiza.


naho coba kirimwo Nowa na Daniyeli na Yobu, abo ukw ari batatu, ukugororoka kwabo kwokiza ayabo magara gusa, ni k’ Umwami Uhoraho agize.


Nuko haza ukuboko kunkorako, bituma mpfukamika amavi n’ibiganza njugumira.


Maze haza ūfise ishusho nk’iy’ abana b’abantu, akora ku munwa wanje; nca nteranura akanwa, ndavuga mbarira uwar’ ampagaze imbere, nti Databuja, ivyo neretswe vyatumye nsinzikazwa n’umubabaro, ndadendebukiwe.


Uwasa n’umuntu yongera kunkorako, ansubizamw’ intege.


Maze numva ijwi ry’umuntu riturutse hagati mu ruzi Ulayi, rihamagara, riti Yewe Gaburiyeli, tahuza uwo muntu ivyo yeretswe.


Akirikw aravugana nanje, nzimira ubgenge, ncurika umutwe hasi; maz’ ankorako, aramvyura.


Nko kw isaha y’icenda Yesu asemerera n’ijwi rirenga, ati Eli, Eli, lama sabakatani? risobanurwa ngo Mana yanje, Mana yanje, n’iki kikumpebesheje?


Umumarayika aramwishura, ati Ndi Gaburiyeli, nama mpagaze mu nyonga z’Imana, kandi natumwe kubonana nawe no kukubgira ubgo butumwa bgiza.


Kandi mu kwezi kwa gatandatu, umumarayika Gaburiyeli atumwa n’Imana mu gisagara c’i Galilaya citwa Nazareti,


Abona yeretswe imbonankubone umumarayika w’Imana yinjiye i we hāri nk’isaha cenda z’umusi: aramuhamagara, ati Koruneliyo.


Bukeye bg’aho, bakigenda, bari hafi gushika mu gisagara, Petero yūrira hejuru ku nzu gusenga, hāri nk’isaha zitandatu.


Maz’ umumarayika w’Umwami Imana amuhagarara i ruhande, umuco ubonesha mu nzu. Akoma Petero mu mbavu, aramukangura, ati Vyuka n’ingoga. Iminyororo imuva ku maboko, irakoroka.


Petero na Yohana bāriko baradūga baja mu rusengero mu gihe co gusenga, ni co saha cenda.


Mbeg’ abamarayika bose s’impwemu ziyikorera, zitumwa gukora igikorwa kubg’ abazoragwa agakiza?


Kand’ ivy’ abamarayika yarabivuze, it’ Ihindura abamarayika bayo imiyaga, Abasavyi bayo ibahindura imbeya z’umuriro.


Kandi nerekwa ntya amafarasi n’abari bayicayeko. Bari bambaye ivyuma bikīngira ibikiriza, bisa n’ikibengebenge n’agafyiri n’amazuku: imitwe y’ayo mafarasi yari nk’iy’ intambge, mu kanwa kayo havamw’ umuriro n’umwotsi n’amazuku.


Lean sinn:

Sanasan


Sanasan