19 Bgirukiro wumve; Bgirukiro uharire; Bgirukiro utege ugutwi ugire ico wokora, ntutebe; bibe kubgawe, Mana yanje, kuk’ umurwa wawe n’abantu bawe vyitirirwa izina ryawe.
Kand’ uze wame wumva ukwinginga kwanje, jewe umusavyi wawe, n’ukw abantu bawe b’Abisirayeli, nko tuzosenga dutumbereye aha hantu; ego me koko, uze wame uvyumva ur’ ah’ uba mw ijuru, kand’ uk’ uzovyumva, uze wame uharira.
nuk’ uze wumve ugusenga kwabo n’ ugutakamba kwabo uri mw ijuru ah’ uba, ubaroranirize ivyabo, uharire abantu bawe bagucumuyeko.
n’umuntu wese yitirirwa izina ryanje, uwo naremeye icubahiro canje: naramubumvye, mbere naramuremye.
Nah’ ibigabitanyo vyacu bitwagiriza, gira ico ukora kubg’ izina ryawe, Uhoraho we: kuko gusubira inyuma kwacu ari kwinshi, kandi twagucumuyeko.
N’iki cotuma uba nk’ umuntu atamāriwe, nk’umuhizi ayobewe gukiza? Yamara wewe Uhoraho, uri hagati muri twebge, kandi twitiriwe izina ryawe: ntuduhebe.
ko ntanguriye ku gisagara citiriwe izina ryanje kuhazana ivyago, none mwebge mwobura guhanwa? Eka ntimuzobura guhanwa na mba: kuko nzohamagara inkota ngw ize ku baba kw isi bose, ni jewe Uhoraho Nyen’ ingabo mbivuze.
Ariko narwaniye izina ryanje, ngo ntirikēngēreke mu maso y’ amahanga, ari yo nyene yar’ abahanze amaso igihe nabakūrayo.
Yamara nagaruye ukuboko kwanje, ndwanira izina ryanje ngo ntirikēngēreke mu maso y’amahanga, ari yo nyene yabahanze amaso igihe nabakūrayo.
Ariko narwaniye izina ryanje, ngo ntirikēngēreke mu maso y’amahanga barimwo, ari yo nyene ubgayo nabiyerekeye imbere, igihe nabakūra mu gihugu ca Egiputa.
Nuko rero, barira ab’ inzu ya Isirayeli, ut’ Uku ni k’ Umwami Uhoraho agize, at’ Ibi simbikora kubganyu, yemwe ab’ inzu ya Isirayeli, ariko ni kubg’ izina ryanje ryera, iryo mwatukishije mu mahanga mwagiyemwo.
Nuko rero, uku ni k’Umwami Uhoraho agize, ati Noneho, ngira ngarukane aba Yakobo, mbakūre mu ngoyi zabo, ngirire imbabazi ab’ inzu ya Isirayeli bose, kandi mfuhire izina ryanje ryera.
Ewe Mana yanje, banga ugutwi kwawe wumve, ni wihwezeshe inyonga zawe witegereze ubugesera bgaduteye, n’umurwa witirirwa izina ryawe, kukw ivyo tugutakambiye, tutabigushize imbere twishingikirije ku bugororotsi bgacu, ariko ni kubg’ imbabazi zawe nyinshi.
Nuko zimaze kurya ubgatsi bgo mu gihugu, mperako ndavuga, nt’ Ewe Mwami Uhoraho, enda se n’ubahangaze ndakwinginze! Mbeg’ aba Yakobo bokira bate, n’ukuntu ar’ inkehwa?
Ndakwinginze, n’uharire ibigabitanyo vy’aba bantu, nk’ukw imbabazi zawe nyinshi ziri, nk’uko wagenda ubaharira uhereye bakiva muri Egiputa ugashitsa n’ubu.
Ukw abe ari ko bashira izina ryanje ku Bisirayeli; nanje nzobaha umugisha.
Ndababgire: Nah’ atovyurwa n’ukw ar’ incuti yiwe ngw ayimuhe, ariko kukw atagize isoni zo kumuhambira, aravyuka, akamuha ivy’ agomba vyose.
Kugira ngw amasigarira y’abantu baronderane Uhoraho N’amahanga yose yitirirwa izina ryanje,
kuzoba abo guhesha icubahiro ubgiza bgayo, twebge abizigiye Kristo kera.
kugira ng’ubgiza bg’ubuntu bgayo bushimwe, ubgo yatugabiriye mu wo ikunda.
kugira ngo noneh’ abakuru n’abafise ububasha b’ahantu ho mw ijuru bamenyere kw ishengero ubgenge bg’Imana bg’uburyo bginshi,