Biblia Todo Logo
Bìoball air-loidhne

- Sanasan -




Daniyeli 9:18 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

18 Ewe Mana yanje, banga ugutwi kwawe wumve, ni wihwezeshe inyonga zawe witegereze ubugesera bgaduteye, n’umurwa witirirwa izina ryawe, kukw ivyo tugutakambiye, tutabigushize imbere twishingikirije ku bugororotsi bgacu, ariko ni kubg’ imbabazi zawe nyinshi.

Faic an caibideil Dèan lethbhreac




Daniyeli 9:18
24 Iomraidhean Croise  

kugira ng’ uhoze inyonga zawe kur’ iyi ngoro ku murango no mw ijoro, ni ho wavuze k’uzoshira izina ryawe, kugira ng’ uze wame wumva amasengesho yanje, jewe umusavyi wawe nzogusenga ntumbereye aha hantu.


Tega ugutwi Uhoraho, wumve; tereza inyonga zawe Uhoraho, witegereze; wumve amagambo ya Senakeribu yatumye ino kugutuka wewe Mana nzima.


Nkunda Uhoraho, kuko yumvise Ijwi ryanje n’ukwinginga kwanje.


Uhoraho we, ibuka imbabazi zawe no kugira neza kwawe, Kuko vyahozeho, uhereye kera hose.


Uhoraho aramubarira, ati N’ukuri abantu banje bari muri Egiputa nabonye amarushwa barimwo, numvise gutaka kwabo batakishwa n’ababakoresha babahindagiza; kuko nzi imibabaro yabo,


Tega ugutwi Uhoraho, wumve; tereza inyonga zawe, Uhoraho, witegereze; wumve amagambo yose ya Senakeribu yatumye ino kugutuka wewe Mana nzima.


n’umuntu wese yitirirwa izina ryanje, uwo naremeye icubahiro canje: naramubumvye, mbere naramuremye.


Ewe Uhoraho, mbeg’ uzokwiyumanganya, kandi bimeze birtyo? Upfe kwiyumya, kand’ utubabaje birengeje urugero?


Kuko twese twahindutse nk’ibihumane, kand’ ukugororoka kwacu kwose kumeze nk’impuzu yanduye; twese dukabiranye nk’ikibabi, kand’ ibigabitanyo vyacu bidukubeba nk’ umuyaga.


Nah’ ibigabitanyo vyacu bitwagiriza, gira ico ukora kubg’ izina ryawe, Uhoraho we: kuko gusubira inyuma kwacu ari kwinshi, kandi twagucumuyeko.


N’iki cotuma uba nk’ umuntu atamāriwe, nk’umuhizi ayobewe gukiza? Yamara wewe Uhoraho, uri hagati muri twebge, kandi twitiriwe izina ryawe: ntuduhebe.


Amajambo yawe yarabonetse, ndayarya; kand’ amajambo yawe yambereye akanyamuneza n’ibihimbaro vy’umutima wanje: kuko nitiriwe izina ryawe, Uhoraho Mana Nyen’ ingabo.


ko ntanguriye ku gisagara citiriwe izina ryanje kuhazana ivyago, none mwebge mwobura guhanwa? Eka ntimuzobura guhanwa na mba: kuko nzohamagara inkota ngw ize ku baba kw isi bose, ni jewe Uhoraho Nyen’ ingabo mbivuze.


Kumbure bokwitwara k’Uhoraho, bagahindukira, umuntu wese akareka inzira yiwe mbi: kuk’ uburake n’ubushangashirwe, ivyo Uhoraho yabūye kur’ ubu bgoko, ar’ ibihambaye.


Non’ urazirikanye, mwami wanje nyen’ ingoma, tegēra ivyo ngusavye ndakwinginze; ntunsubize mu nzu ya Yonatani umukarani, simpfireyo.


Nuko rero, barira ab’ inzu ya Isirayeli, ut’ Uku ni k’ Umwami Uhoraho agize, at’ Ibi simbikora kubganyu, yemwe ab’ inzu ya Isirayeli, ariko ni kubg’ izina ryanje ryera, iryo mwatukishije mu mahanga mwagiyemwo.


Ivyo simbikora kubganyu, mubimenye, ni k’Umwami Uhoraho agize; mutēterezwe, mumāramāzwe n’ ingeso zanyu, yemwe ab’ inzu ya Isirayeli.


Bgirukiro, ukugororoka n’ukwawe, ariko tweho mu maso hacu hasigaye hamāramāzwa n’isoni, nk’uko bimeze mur’ iyi misi ku bagabo b’i Buyuda, no ku baba i Yerusalemu, no ku Bisirayeli bose, abari hafi n’abari kure, basanzaye mu bihugu vyose wabirukaniyemwo, kuko bagusohoye.


Ukw abe ari ko bashira izina ryanje ku Bisirayeli; nanje nzobaha umugisha.


turabandikiye mwebge abo mw ishengero ry’Imana ry’i Korinto, bejejwe muri Kristo Yesu, bāhamagariwe kuba abera, hamwe na bose bambariza ahantu hose izina ry’Umwami wacu Yesu Kristo, ni we Mwami wabo n’uwacu.


Lean sinn:

Sanasan


Sanasan