Biblia Todo Logo
Bìoball air-loidhne

- Sanasan -




Daniyeli 9:16 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

16 Bgirukiro, ndakwinginze, kubg’ ukugororoka kwawe kwose, kūra uburake bgawe bg’inkazi ku murwa wawe Yerusalemu umusozi wawe wera; kuko kubg’ ivyaha vyacu n’ibigabitanyo vya ba sogokuruza bacu, Yerusalemu n’abantu bawe vyahindutse agatukisha ku badukikije bose.

Faic an caibideil Dèan lethbhreac




Daniyeli 9:16
33 Iomraidhean Croise  

wabonye umutima wiwe kw ar’ uwo kwizigirwa imbere yawe, usezerana na we isezerano ryo kuzoha uruvyaro rwiwe igihugu c’Abanyakanani n’ic’ Abaheti n’ic’ Abamori n’ic’ Abaferizi n’ic’ Abayebusi n’ic’ Abagirugashi; kand’ iryo sezerano wararishikije kuko wama ugororoka.


Uhoraho we, ni wumve ugusenga kwanje; tega ugutwi ukwinginga kwanje! Unyishure, kubgo kuba umwizigirwa kwawe, no kubgo kugororoka kwawe.


Uhoraho, ni wewe mpungirako: sinze nigere mmāramāzwa; Unkize kubg’ ukugororoka kwawe.


Uhoraho, Imana y’Abisirayeli, ahimbazwe, Uhereye kera hose, ukageza ibihe vyose, Amen, kandi Amen.


Unkize kubg’ ukugororoka kwawe, undokore: Umbangire ugutwi, unkize.


Duhindutse ruvumwa ku babanyi bacu, Agatwengo n’agacokoro ku badukikije.


Twigarurire, Mana y’agakiza kacu, Kand’ ushire umwikomo wawe utugirira.


Ivyo abansi bawe bādututse, Uhoraho, Ivyo bātutse intambuko z’ uwo warobanuje amavuta.


ntuz’ uvyikubite imbere, ntuz’ ubisabe, kuko jewe Uhoraho Imana yawe nd’ Imana ifuha, mpōra abana ibigabitanyo vya ba se, nkageza ku runganwe rugira gatatu no ku rugira kane rw’abanyanka,


Ni co catumye uburake bg’Uhoraho buziriringira abantu biwe, akababangurira ukuboko, akabakubita, imisozi ikaja mu gatengo, maz’ imivyimba yabo ikamera nk’imyanda hagati mu mayira. Yamara na ho nyene uburake bgiwe ntiburahwama, arik’ ukuboko kwiwe kuracabanguye.


mbere nzobatanga batererekanywe irya n’ino mu bihugu vy’abami bose bo mw isi, ngo mbagirire nabi; bazoba igitutsi n’iciro ry’imigani n’agatwengo n’ ibivume, ahantu hose aho nzobirukanira.


Nzobirukanisha inkota n’inzara n’ikīza, mbatange batererekanywe irya n’ino mu bihugu vy’abami bose bo mw isi, ngo babe ibivume n’akajoreza n’ abo kuvuzwakw agahwa n’igitutsi mu mahanga yose aho nabirukaniye;


Kukw iki gisagara, guhēra ku musi bācubakiye gushitsa no kur’ uyu musi, cabaye ico kuntera ishavu n’ubushangashirwe, bituma ngira ngikūre mu nyonga zanje;


kubg’ ibibi vyose Abisirayeli n’Abayuda bakoze kugira ngo bantere ishavu, bo n’abami babo n’abaganwa babo n’abaherezi babo, na ba kamenyi babo n’abagabo b’i Buyuda n’ababa i Yerusalemu.


Wikwegeye gucirwakw iteka kubg’ amaraso wavishije, kandi wiyandurishije ibigirwamana wirondereye; ni wewe wateye kw igihe cawe kigushikako, mber’ ushitse ku ntozo y’imyaka yawe: kubg’ ivyo nguhinduye igitutsi mu mahanga, n’agatwengo mu bihugu vyose.


Kand’ ikindi nzoguhindura umusaka n’igitutsi mu mahanga agukikije, no mu maso y’abahita bose.


Azoshinga amahema yiwe y’ ubgami hagati y’ikiyaga n’umusozi wera w’ubgiza; yamar’ ageze ku musi w’iherezo ryiwe nta wuzomutabara.


Nuko nkivuga, nsenga nātura icaha canje n’ic’ ubgoko bgacu bg’Abisirayeli, kandi ngitakambira Uhoraho Imana yanje umusozi wayo wera;


Aho ni ho muzomenyera yuko nd’ Uhoraho Imana yanyu, mpangamye i Siyoni ku musozi wanje wera; ico gihe i Yerusalemu hazoba ahēra, kandi nta bantu b’akavantara bazosubira kuhahita ukundi.


Uku ni k’Uhoraho agize, ati Ngarutse i Siyoni, ngerēre hagati y’i Yerusalemu; kandi Yerusalemu hazokwitwa Umurwa w’Umwizigirwa; kand’ umusozi w’Uhoraho Nyen’ ingabo uzokwitwa Umusozi wera.


Kukw ar’ ibigororotse ku Mana kwishura amarushwa abayabatera,


Ni twatura ivyaha vyacu, ni yo yo kwizigirwa kand’ igororoka, ivyo ni vyo bituma iduharira ivyaha vyacu, ikatwoza ukugabitanya kwose.


Uhoraho ni we amukenesha kandi ni we amukenura, Ni we amucisha bugufi kandi ni we amushira hejuru.


Lean sinn:

Sanasan


Sanasan