Daniyeli 9:15 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)15 Kandi ga Bgirukiro Mana yacu, wewe wakūje abantu bawe mu gihugu ca Egiputa ukuboko gukomeye, ukīgira rurangiranwa nk’ uko bikimeze n’uyu musi; tweho twaracumuye, twakoze nabi. Faic an caibideil |
None tega ugutwi kwawe wumvirize, tereza n’inyonga zawe witegereze, kugira ngo wumve ugusenga kwanje, jewe umusavyi wawe nsengera imbere yawe mur’ iyi misi ku murango no mw ijoro, nkwingingira abasavyi bawe b’ Abisirayeli, nātura ivyaha twebge Abisirayeli twagucumuyeko; mbere twe n’inzu ya data twaracumuye.