Biblia Todo Logo
Bìoball air-loidhne

- Sanasan -




Daniyeli 9:14 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

14 Ni co catumye Uhoraho ashira umutima kur’ ivyo vyago, akabiduteza; kuk’ Uhoraho Imana yacu ari yo igororoka mu bikorwa vyayo vyose ikora; ariko twebge ntitwumviye ijwi ryayo.

Faic an caibideil Dèan lethbhreac




Daniyeli 9:14
16 Iomraidhean Croise  

Maz’ abo baganwa b’Abayuda bo n’umwami baca bicisha bugufi, baravuga, bat’ Uhoraho aragororoka, akoze ibikwiye.


Uhoraho Mana y’Abisirayeli, ni wewe ugororoka; kuko twebge dusigaye tur’ amasigarira, nk’uko bimeze uyu musi; rāba tur’ imbere yawe dutsinzwe n’urubanza; ivyo ni vyo bituma tudashobora guhagarara imbere yawe.


Ariko mur’ ivyo vyose vyatubayeko, weho wama uboneka ugororotse, wama ukora ibiroranye, yamara twebge twakoze ibibi.


Ibikorwa vy’intoke ziwe n’ ukuri no kuroranya; Amabgirizwa yiwe yose arahamye.


Uhoraho n’umunyabuntu, kandi n’umugororotsi: Ek’ Imana yacu n’inyembabazi.


Ur’ umugororotsi, Uhoraho we, Imanza zawe ziragororotse.


Unkize umwenda w’amaraso y’umuntu, Mana, we Mana y’agakiza kanje; Ni ho ururimi rwanje ruzorenza ijwi ruririmba ukugororoka kwawe.


Farawo atuma guhamagaza Mose na Aroni, arababgira, at’ Ubu ho nkoze icaha: Uhoraho aratsinze, twe n’abantu banje turatsinzwe.


Ewe Uhoraho, iyo nkubūranije uboneka k’ugororotse; yamara na ho nyene nogomvye ko dusiguzanya: mbeg’ igituma abanyakibi bagenda bagubga neza mu kubaho kwabo n’iki? N’iki gituma abaryarukanyi bose bidibamira ngaho?


Maz’ ico gihe, nk’uko nabahozakw igitsure ngo mbarandure, mbahomvore, mbasangangure, mbahonnye, mbababaze, ni ko nzobahozakw ijisho ngo mbubake mbatēragire, ni jewe Uhoraho mbivuze.


Bakikije Yerusalemu nk’abarinda ivyona umurima, kuko hangararije, ndabivuze jewe Uhoraho.


Rāba mbahozakw igitsure, ngo mbazanekw ivyago atar’ ivyiza; kand’ abagabo bose b’Abayuda bari mu gihugu ca Egiputa bazoririkwa n’inkota n’inzara, gushitsa baherengeteye.


Abarwanizi baho bahagiye hejuru, abansi baho bararoraniwe; Kuk’ Uhoraho yahababaje ahahōye ibicumuro vyaho vy’isinzi: Abana baho bashorewe ar’ inyagano imbere y’abarwanizi.


Kuk’ utibutse imisi yo mu buto bgawe, arik’ ukantera ishavu kubg’ ivyo vyose; nuko rero, ehe ngira ngusubize ku mutwe ingeso zawe, ni k’Umwami Uhoraho agize: kandi ntuzoba ukigereka ubgo bushakanyi ku bizira vyawe vyose.


Igihe cashinzwe kirangiye, jewe Nebukadineza nunamurira amaso yanje mw ijuru, akenge karagaruka, nca mpimbaza Īsumba vyose, kandi nshima Ībaho ibihe bitazoshira, ndayubaha; kukw ingoma yayo ar’ ingoma itazohangūra, kand’ ubgami bgayo buzohangama ukw ibihe bikūranwa.


Bgirukiro, ukugororoka n’ukwawe, ariko tweho mu maso hacu hasigaye hamāramāzwa n’isoni, nk’uko bimeze mur’ iyi misi ku bagabo b’i Buyuda, no ku baba i Yerusalemu, no ku Bisirayeli bose, abari hafi n’abari kure, basanzaye mu bihugu vyose wabirukaniyemwo, kuko bagusohoye.


Lean sinn:

Sanasan


Sanasan