baracinjira barakiganza; yamara banka kukwumvira, no kugendera mu vyagezwe vyawe; ntibakora na kimwe mu vyo wabageze vyose gukora: ico ni co catumye ubatēza ivyo vyago vyose.
riti Genda ubarire Ebedumeleki Umunyetiyopiya, ut’ Uku ni k’Uhoraho Nyen’ ingabo agize, ni we Mana y’Abisirayeli, ati Rāba ngira nshitse kur’ iki gisagara ayo nakivuzeko y’ivyago, atar’ ay’ ivyiza; kandi bizoshika uvyibonera kuri nya musi.
Ko mwosheje imibavu, mugacumura k’Uhoraho, ntimwumvire Uhoraho, ngo mugendere mu vyagezwe vyiwe, no mu vyo yashinze no mu vyo yihanikirije, ivyo ni vyo vyatumye ibi vyago bibashikako, nk’uko bimeze n’uyu musi.
Yemwe mwese abīhitira, mbega nta co murushe muvyibazako? Enda ni mwitegereze, murābe ko hoba umubabaro uhwanye n’uyu wanje wanshitseko, Uwo Uhoraho yambabarishije ku musi w’uburake bgiwe bg’inkazi.
Mbere bīkomantaje imitima imera nk’isare, ngo boye kwumva ivyagezwe n’amajambo Uhoraho Nyen’ ingabo yarungitse muri Mpwemu wiwe, ayavugira mu bavugishwa na we ba kera; ni co catumye uburake buhambaye buva k’Uhoraho Nyen’ ingabo.