1 Mu mwaka Dariyo mwene Ahasuwerusi wo mu ruvyaro rw’Abamedi yimyemwo, yimitswe kuba umwami w’igihugu c’Abakaludaya,
Mbere ku ngoma ya Ahasuwerusi, ari ho agishika ku ngoma nyene, bandika ivyo kurega ababa i Buyuda n’ab’ i Yerusalemu.
Ku ngoma ya Ahasuwerusi, (Ahasuwerusi uyo, ni we yaganza ibihugu ijana na mirongwibiri n’indwi, uhereye i Buhindi ugashitsa Etiyopiya),
Nuko Daniyeli aguma ngaho, gushitsa ku mwaka wa mbere umwami Kuro ari ku ngoma.
b’imisore batagira agasembga, ariko b’indanga, bar’ uburyo mu vy’ubgenge bgose, b’abahanga mu vyo kumenya, b’insorongozi mu vy’ubgenge, kandi babereye gukora i bgami; kugira ngw abigishe inyandiko y’Abakaludaya n’ururimi rwabo.
Kandi nanje, mu mwaka wa mbere Dariyo w’Umumedi ari ku ngoma, nakūwe hasi no kumufasha no kumuremēsha.
Ubgo bgami buhabga Dariyo Umumedi, yar’ amaze imyaka nka mirongwitandatu n’ibiri y’amavuka.
Maze Dariyo abona kw ari vyiza kugabanganya igihugu abaganwa ijana na mirongwibiri, ngo bakwire igihugu cose.
Nuko ku ngoma ya Dariyo no ku ngoma ya Kuro Umuperesi, Daniyeli agira ikiganza ciza.