Biblia Todo Logo
Bìoball air-loidhne

- Sanasan -




Daniyeli 8:9 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

9 Kuri rimwe mur’ ayo, hashamika agahembe gatoya, karakura, kaba rinini cane, ryerekera i bumanuko n’i burasirazuba no mu gihugu c’ubgiza.

Faic an caibideil Dèan lethbhreac




Daniyeli 8:9
12 Iomraidhean Croise  

Kand’ Uhoraho agwiza abantu biwe cane, Abagira abanyenkomezi kurusha abansi babo.


Umusozi Siyoni, uri mu ruhande rw’i burārūko, Igihagararo cawo ni ciza, ni wo binezaneza vy’isi yose, Ni wo murwa w’Umwami ahambaye.


Ariko narībajije, nti Nogushira nte mu bana banje, nkaguha igihugu c’igikundiro, nkaguha umwandu mwiza uruta iy’ ayandi mahanga yose? Nari naravuze, nti Muzonyita umuvyeyi wanyu, kandi ntimuzokebanuka ngo mumve inyuma.


Yamara kandi namanitse ukuboko, ndabarahirira mu bugaragwa yuko ntazobashitsa mu gihugu nabahaye, kimwe gitemba amata n’ ubūki, igihugu c’agaheta mu bihugu vyose,


ni kur’ uwo musi nyene namanitse ukuboko mbarahira ko nzobakūra mu gihugu ca Egiputa nkabajana mu gihugu nabatoreye, igihugu gitemba amata n’ubūki, igihugu c’agaheta mu bihugu vyose.


Arik’ ūzoba amuteye azogira nk’uko yigombeye, kandi nta wuzomuhagarara mu ruhanga; nukw azohagarara mu gihugu c’ubgiza, ukuboko kwiwe kurimwo kugeseza.


Bukeye mu gishingo ciwe hazovyuka umuntu w’inkēngērwa, atāhawe icubahiro c’ubgami; arikw azoza mu gihe c’impore, yironkeshereze ubgami ubuhemanyi.


Nitegereje ayo mahembe, mbona muri yo hameze akandi gahembe gatoya. Imbere yako hakūrwa amahembe atatu mu yar’ asanzwe. Maz’ ako gahembe nkabonakw amaso asa n’ay’ umuntu, n’akanwa kavuga ibihambaye.


ariko nzobasābagirisha agashururu, baje mu mahanga yose batīgeze kumenya. Uko ni kw igihugu kizosigara ar’ amatongo bakivuyemwo; ntihagire umuntu n’umwe aba akihaca cank’ agisubirayo: kukw igihugu c’igikundiro bāri bagihinduye amatongo.


Lean sinn:

Sanasan


Sanasan