Biblia Todo Logo
Bìoball air-loidhne

- Sanasan -




Daniyeli 8:7 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

7 Mbona yēgereye iyo mpfizi y’intama, irayishamira, irayisekura, iyivuna ayo mahembe yompi; kand’ iyo mpfizi y’intama ntiyagira inkomezi zo kuyihagarara imbere, arikw iyo mpene iyikubita hasi, irayisiribanga; kand’ iyo mpfizi y’intama ntihāboneka ūshobora kuyikiza ya mpfizi y’impene.

Faic an caibideil Dèan lethbhreac




Daniyeli 8:7
8 Iomraidhean Croise  

Maz’ umwami w’i bumanuko azoshungumirwa, azorekuka arwane n’umwami w’i burārūko; azogomora ingabo nyinshi, maz’ ingabo z’umwami w’i burārūko zizogwa mu maboko y’umwami w’i bumanuko.


Kandi na vya bikōko bindi, inganji yavyo birayakwa: ariko vyongerwa ukubaho gushitsa igihe kinaka.


Hanyuma y’ivyo, mu vyo neretswe mw ijoro ngira ntya mbona igikōko ca kane, giteye ubgoba c’ubuyobe, kandi c’inkomezi nyinshi; cari gifise imihāha minini y’ivyuma; kiratabagura, kirajanjanga; ibisigaye kibisiribangisha amajanja yaco. Cari gifise itandukaniro n’ ibindi bikōko vyose vyacitangiye imbere; kandi cari gifise amahembe cumi.


Rihinduka rinini ryagamba no mu ngabo zo mw ijuru, mber’ ingabo zimwe n’inyenyeri zimwe ribishiburira hasi, rirabisiribanga.


Iza kuri ya mpfizi y’intama y’amahembe abiri, nari nabonye ihagaze ku ruzi, irayivumbukira iri n’inkomezi zitewe n’inzigo nyinshi.


Maz’ iyo mpfizi y’impene yīgira agahambaye bihebuje; imaze kugira ubushobozi, iryo hembe rihambaye rirakondoka; maze mu kibanza caryo hamera ayandi mahembe ane y’akarangabgami, yerekeye ibirēre bine vy’ijuru.


Bazogwanako nk’abahunga inkota, ata kibirukanye; mbere ntimuzoshobora guhagarara abansi banyu imbere.


Ab’ i Hayi bagize ngo barasubiza amaso inyuma, babona imyotsi y’ico gisagara idūze intumbgejuru, bituma bananirwa guhunga, babura epfo na ruguru; maze ba bandi bāri bīgize nk’abahungira mu bugaragwa barabahindukirana.


Lean sinn:

Sanasan


Sanasan