Biblia Todo Logo
Bìoball air-loidhne

- Sanasan -




Daniyeli 8:5 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

5 Nkivyitegereza, mbona haje impfizi y’impene ivuye i burengerazuba, ica mw isi yose, igenda idakoza amaguru hasi; kand’ iyo mpene yar’ ifise ihembe ry’ akarangabgami hagati y’amaso yayo.

Faic an caibideil Dèan lethbhreac




Daniyeli 8:5
7 Iomraidhean Croise  

Maz’ umwami ahambaye azohaguruka, azoganzisha ububasha bginshi, akore uko yigombeye.


Ico gishushanyo, umutwe waco war’ izahabu nziza, kand’ igikiriza n’amaboko vyar’ ifeza, inda n’ibibero vyar’ imiringa,


Kandi mu nyuma zawe hazovyuka ubundi bgami butanganya n’ubgawe gukomera; hanyuma hazovyuka ubundi bgami bga gatatu, buzoganza isi yose.


Hanyuma y’ivyo mbona ikindi gikōko gisa n’ingwe; mu mbavu zaco cari gifise amababa ane, nk’ay’ igisīga; kand’ ico gikōko cari gifise imitwe ine; gihabga inganji.


Impfizi y’impene y’ibisambi ni we mwami w’i Bugiriki; kand’ ihembe rinini ryari hagati y’amaso yayo ni we mwami wabo wa mbere.


Iza kuri ya mpfizi y’intama y’amahembe abiri, nari nabonye ihagaze ku ruzi, irayivumbukira iri n’inkomezi zitewe n’inzigo nyinshi.


Maz’ iyo mpfizi y’impene yīgira agahambaye bihebuje; imaze kugira ubushobozi, iryo hembe rihambaye rirakondoka; maze mu kibanza caryo hamera ayandi mahembe ane y’akarangabgami, yerekeye ibirēre bine vy’ijuru.


Lean sinn:

Sanasan


Sanasan