Biblia Todo Logo
Bìoball air-loidhne

- Sanasan -




Daniyeli 8:3 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

3 Nunamuye amaso mbona impfizi y’intama ifise amahembe abiri, ihagaze hakuno y’uruzi: kand’ ayo mahembe ukw ar’ abiri yari maremare, ariko rimwe ryasumba irindi, kand’ irirerire ni ryo ryaheruka kumera.

Faic an caibideil Dèan lethbhreac




Daniyeli 8:3
25 Iomraidhean Croise  

Dawidi yunamuye amaso, abona uwo mumarayika w’Uhoraho ahagaze mu kirēre, hagati y’isi n’ijuru, asokōye inkota ayibanguriye Yerusalemu. Maze Dawidi n’abakuru, bambaye amagunira, baca barapfukama, barūnama.


ngo Kuro, umwami w’i Buperesi aravuze, at’ Uhoraho Imana Nyen’ ijuru yangabiye ibihugu vyose vyo mw isi. Kandi yangeze ngo ndamwubakire ingoro i Yerusalemu mu Buyuda.


Baha impēra abo kwigenera inama zo kubabuza gushitsa ivyo bagabiye; bikomeza birtyo igihe cose Kuro umwami w’i Buperesi yamaze ku ngoma, barinda bashitsa no ku ngoma ya Dariyo umwami w’i Buperesi nyene.


mu mwaka ugira gatatu ari ku ngoma atumirira amazimano abaganwa biwe bose n’abamenyekana biwe; abahambaye b’i Buperesi n’i Bumedi, na ba segaba n’abaganwa b’ibihugu bakoranira imbere yiwe.


Rāba nzovyutsa Abamedi ngo babatere; ntibazorāba ifeza, kandi naho zoba izahabu ntibazozibabara.


Ivyerekanywe bikomeye ndabihishurirwa; abaryarukanyi bariko bararyarukana, abanyazi bariko baranyaga. Yemwe b’i Elamu, ni mudūge mutere, namwe Bamedi, mubate hagati! Ukwitsa umutima kwabo kwose ngira nkurangize.


mvuga ivya Kuro, nti N’umwungere wanje, azoshitsa ivyo ngomba vyose; nkavuga ivya Yerusalemu, nti Hazokwubakwa; nkabarira urusengero, nt’ Itanguriro ryawe rizoshirwaho.


Mukarishe imyampi, mubangirize inkinzo: Uhoraho yagayambije imitima y’abami b’Abamedi; kukw imigabo yagīriye i Babuloni n’ukuhageseza: kukw ar’ uguhōra kw’Uhoraho, uguhōra yahōye urusengero rwiwe.


Nunamuye amaso mbona umuntu yambaye impuzu zera, akenyeje izahabu nziza zavuye muri Ufazi.


Kandi mu nyuma zawe hazovyuka ubundi bgami butanganya n’ubgawe gukomera; hanyuma hazovyuka ubundi bgami bga gatatu, buzoganza isi yose.


Ubgo bgami buhabga Dariyo Umumedi, yar’ amaze imyaka nka mirongwitandatu n’ibiri y’amavuka.


Nuko ku ngoma ya Dariyo no ku ngoma ya Kuro Umuperesi, Daniyeli agira ikiganza ciza.


Ndongera mbona ikindi gikōko ca kabiri gisa n’icitwa idubu; cari gihengarariye uruhande rumwe, cari gifashe amagufa atatu y’ imbavu mu kanwa, mu mihāha yaco. Barakibgira, bati Va hasi urye inyama nyinshi.


Mbona ivyo neretswe nko mu nzozi, maze mvyitegereje mbona ndi ku murwa i Shushani, mu ntāra yo muri Elamu; ndāvye ivyo neretswe mbona ndi ku ruzi Ulayi.


Impfizi y’intama y’amahembe abiri wabonye ni bo bami b’Abamedi n’Abaperesi.


Maze nunamuye amaso mbona amahembe ane.


Maze nunamuye amaso mbona umuntu afise mu minwe umugozi wo kugera.


Nuko nongera kwunamura amaso, mbona umuzingo w’ igitabo uguruka.


Maz’ umumarayika twavugana yīgira imbere, arambarira, at’ Unamura amaso, urābe kirya kije ic’ ari co.


Maze nunamuye amaso, mbona abagore babiri baje, bakubebga n’umuyaga mu mababa yabo; kandi bāri bafise amababa nk’ay’ agasōza; baterura iyo efa, bayicana mu kirēre hagati y’isi n’ijuru.


Nuko nongera kwunamura amaso, mbona imikogote ine iturutse hagati y’imisozi ibiri; kand’ iyo misozi yar’ imiringa.


Balamu yunamura amaso, abona Abisirayeli bashagaje nk’ukw imiryango yabo iri; Mpwemu w’ Imana amuzako.


Maze Yosuwa ari hafi y’i Yeriko, agize ngw arunamura amaso, abona umuntu imbere yiwe, yāsokōye inkota, ayifashe mu ntoke. Yosuwa aramwēgēra, aramubaza, ati Mbeg’ ur’ ūje ku ruhande rwacu, canke ku rw’abansi bacu?


Kandi mbona ikindi gikōko gisokorotse mw isi: gifise amahembe abiri nk’ay’ umwagazi w’intama, kivuga nk’igisato.


Mbona hagati ya ya ntebe na vya binyabugingo bine no hagati ya ba bakuru, Umwagazi w’Intama ahagaze, asa n’uwishwe, afise amahembe ndwi n’amaso ndwi, ni vyo Mpwemu ndwi z’Imana, zatumwe kwama zija mw isi yose.


Lean sinn:

Sanasan


Sanasan