Biblia Todo Logo
Bìoball air-loidhne

- Sanasan -




Daniyeli 8:26 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

26 Kand’ ivyerekanywe vy’ubgira bugaca vy’iyo misi vyavuzwe, n’ivy’ ukuri; arik’ ugumize ivyo weretswe muri ntibate, kukw ar’ ibizoba hahise igihe kirekire.

Faic an caibideil Dèan lethbhreac




Daniyeli 8:26
11 Iomraidhean Croise  

Bazokoranirizwa hamwe, nk’ ukw imbohe zikoranirizwa mu kazu k’i bgina, bugaranirwe mw ibohero; kand’ imisi myinshi ni yashira bazohanwa.


riti Mwana w’umuntu, ereg’ ab’ inzu ya Isirayeli baravuga, ngw Ivyo weretswe bizoshika imisi yigiyeyo, kandi ng’ubūra ivy’ ibihe bikiri kure.


Mu mwaka ugira gatatu Kuro umwami w’i Buperesi ari ku ngoma, Daniyeli ari we Beluteshaza, har’ ico yeretswe, kand’ ico kintu car’ ic’ ukuri, ni co ntambara zikomeye; atahura ivy’ ari vyo, kand’ ivyo yeretswe arabisobanukirwa.


Nuko none nzanywe no kugutahuza ibizoba ku bgoko bganyu mu misi y’iherezo; kukw ivyo weretswe ar’ ibizoba hahise igihe kirekire.


Nuko none ngira nkwereke ivy’ ukuri. Haracasigaye abandi bami batatu bazokwima i Buperesi; arik’ uwa kane azorusha abandi bose ubutunzi bginshi: uwo ni yamara kuba umunyabushobozi kubg’ ubutunzi bgiwe, azogomora ingabo zose ngw atere ubgami bg’i Bugiriki.


Nuko rero wewe Daniyeli, gumiza ayo majambo muri ntibate, umatanishe ishashara igitabo cavyo udomemw’ ikimenyetso, gushitsa igihe c’iherezo; ni ho benshi bazoserangura muri co, kand’ ubgenge buzogwira.


Aranyishura, at’ Igīre, Daniyeli; kukw ayo majambo ar’ akabanga, amatanishijwe ishashara idomyemw’ ikimenyetso, gushitsa igihe c’iherezo.


Kand’ imituragaro ndwi imaze kuvuga nariko ngira nandike. Numva ijwi rivuye mw ijuru rimbarira, riti Matanisha ishashara udomemw’ ikimenyetso ivyo imituragaro ndwi ivuze, ntuvyandike.


Kand’ arambarira, ati Ntumatanishe ishashara n’ikimenyetso amajambo avugishijwe n’Imana yo mur’ iki gitabo; kukw igihe kiri hafi.


Lean sinn:

Sanasan


Sanasan