Biblia Todo Logo
Bìoball air-loidhne

- Sanasan -




Daniyeli 8:25 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

25 Akenge kiwe kazotuma ivy’ ubugunge birorana; azokwīgira agahambaye mu mutima wiwe, ageseze benshi ata co binona; mber’ azohaguruka kurwanya Umwami w’abami; arikw azovunagurika, ata wumukozeko.

Faic an caibideil Dèan lethbhreac




Daniyeli 8:25
21 Iomraidhean Croise  

Bapfa mu kanya isase, no mu gicugu n’uko, Bafatwa n’agatengo bakagenda akagīrīre, N’abahizi bakūrwaho, ata wubakozeko.


Muhaboreze, kuko hinantaje k’ Uhoraho; nuko Mowabu hazokwivurunga mu bidashwe vyaho, hacike agatwengo.


Kukw ibigabitanyo vy’umukobga w’ubgoko bgacu bikomeye gusumba icaha c’i Sodomu, Ari ho hākomvomvowe mu kanya isase, ata kuboko kuhakozeko.


Amaze kujana izo ngabo kw inyagano, azokwikakisha mu mutima; ariko nah’ azoba ahindikiranije ingabo ibihumbi n’ibihumbi, ntazoba anesheje rwose;


Azoshinga amahema yiwe y’ ubgami hagati y’ikiyaga n’umusozi wera w’ubgiza; yamar’ ageze ku musi w’iherezo ryiwe nta wuzomutabara.


Arikw imanza zizoshingwa, bamwake ingoma yiwe, bayikombore, bayihenebereze, gushitsa ku muhero.


Nitegereje ayo mahembe, mbona muri yo hameze akandi gahembe gatoya. Imbere yako hakūrwa amahembe atatu mu yar’ asanzwe. Maz’ ako gahembe nkabonakw amaso asa n’ay’ umuntu, n’akanwa kavuga ibihambaye.


Nuko ryīgira agahambaye, mbere ryiringaniza n’umugabisha w’izo ngabo, rimunyaga ikimazi co kwoswa gihora gitangwa uko bukeye, inyubako z’ahēra hiwe zirasangangurwa.


Nuk’ umenye, utahure, yuk’ uhereye igihe icagezwe kizoshingirwa co kuvyura no kwubaka Yerusalemu gushitsa kuri Mesiya Segaba, hazocah’ amayinga ndwi; maze habeh’ ayandi mayinga mirongwitandatu n’abiri, hasubire kwubakwa, basubizeh’ imiharuro n’ imigende; mbere bizoba bikorwa mu bihe bigoye.


Uwo mwanya umumarayika w’Umwami Imana aramukubita, kukw adahaye Imana Rurema icubahiro, aturika inyo, aracīkāna.


Ntihakagire umuntu abahenda mu buryo na bumwe, kuk’ utazoza, kwa kureka Imana kutabanje kuboneka, kandi wa muntu w’umugarariji atarahishurwa, ni we mwana wo kuranduka,


Ni ho wa mugarariji azohishurirwa, umwe Umwami Yesu azokwicisha impwemu ziva mu kanwa kiwe, azomutītūza uguseruka kw’ukuza kwiwe.


Abo bazorwanya Umwagazi w’Intama, uwo Mwagazi azobanesha, kukw ari we aganza abaganza n’Umwami w’abami, kand’ abari kumwe na we, bāhamagawe, bātoranijwe, bāyobotse, na bo bazobanesha.


Kandi ku mpuzu ziwe no ku kibero, afise izina ryanditsweko, ng’ UMWAMI W’ABAMI, ŪGANZA ABAGANZA.


Lean sinn:

Sanasan


Sanasan