Hahise imisi myinshi uzovyutswa: mu myaka y’iherezo uzoza mu gihugu cābogowe gikūwekw inkota, kirimw’ ubgoko bgakoranirijwe hamwe bavuye mu mahanga menshi, bari ku misozi y’i Bgisirayeli yahoze ar’ amatongo; bākūwe mu mahanga, biberaho ata co binona, bose uko bangana.
Naritegereje ico gihe kubg’ ijwi rya ya magambo yo kwihayagiza ka gahembe kāvuga; nkiriko nditegereza, ca gikōko kiricwa, umuvyimba waco uraherengetera, utābga mu muriro urayigira.
Kandi nk’uko ryakondotse, mu kibanza caryo hakamera ayandi ane, uko ni ko hazoba ubgami bune bukomoka mur’ ubgo bgoko, ariko ntibuzonganya ububasha n’ ubg’ uwa mbere.
Ico gikōko gifatwa mpiri, bo na wa muvugishwa w’ibinyoma, yakorera vya bimenyetso mu maso yaco, akabizimirisha abemeye gushirwakw ikimenyetso ca ca gikōko n’abasenga igishushanyo caco. Vyompi bitererwa bibona mu kiyaga caka umuriro n’amazuku.