20 Impfizi y’intama y’amahembe abiri wabonye ni bo bami b’Abamedi n’Abaperesi.
ab’ i Buperesi n’abo muri Etiyopiya n’ab’ i Puti bazoba bari kumwe na bo, bose bari n’inkinzo n’inkofero z’ivyuma;
Kandi mu nyuma zawe hazovyuka ubundi bgami butanganya n’ubgawe gukomera; hanyuma hazovyuka ubundi bgami bga gatatu, buzoganza isi yose.
Peres, risobanurwa ng’ Ubgami bgawe buragabanganywe, buhawe Abamedi n’ Abaperesi.
Impfizi y’impene y’ibisambi ni we mwami w’i Bugiriki; kand’ ihembe rinini ryari hagati y’amaso yayo ni we mwami wabo wa mbere.
Nunamuye amaso mbona impfizi y’intama ifise amahembe abiri, ihagaze hakuno y’uruzi: kand’ ayo mahembe ukw ar’ abiri yari maremare, ariko rimwe ryasumba irindi, kand’ irirerire ni ryo ryaheruka kumera.