17 Nuko yēgēra aho nari mpagaze; anshikiriye ncika ivutu, nikubita hasi nubamye; maz’ arambarira, at’ Umve, yewe mwana w’umuntu, ivyo weretswe n’ivy’ igihe c’iherezo.
Aburamu arapfukama, arūnama, Imana iramubgira,
Nk’uk’ umunywamazi wo ku gicu usa ku musi w’imvura, ni k’ugukayangana kwari kumukikije hirya no hino kwasa. Ivyo vyari bimeze nk’ibisa n’ubgiza bg’Uhoraho. Mbibonye, nikubita hasi nubamye, numva ijwi ry’ūvuga.
Arambarira, ati Mwana w’ umuntu, vyuka uhagarare n’ ibirenge vyawe, mbone kugira ico nkubarira.
Maz’ anshikana imbere y’ingoro ancishije mu kirimba kirābana n’i burārūko; maze ngize ntya mbona ubgiza bg’Uhoraho bguzuye ingoro y’Uhoraho: nca nikubita hasi nubamye.
riti Mwana w’umuntu, tungīra ijisho ryawe imisozi y’i Bgisirayeli, uyibūrire,
Arambgira, ati Daniyeli, muntu w’ umukundwa cane, utahure amajambo ngira nkubgire, va hasi uhagarare, kuk’ ubu ngutumweko. Amaze kumbgira iryo jambo, mpagarara mpinda agashitsi.
Maze haza ūfise ishusho nk’iy’ abana b’abantu, akora ku munwa wanje; nca nteranura akanwa, ndavuga mbarira uwar’ ampagaze imbere, nti Databuja, ivyo neretswe vyatumye nsinzikazwa n’umubabaro, ndadendebukiwe.
Abo bami bompi imitima yabo izoba iyo gukora ikibi; bazovugana ibinyoma bari ku meza amwe: arikw ivyabo ntibizororana, kukw iherezo rizoza mu gihe cashinzwe.
Maze mu gihe c’ iherezo umwami w’i bumanuko azomutera, kand’ umwami w’i burārūko azoja kumutega ameze nk’ agashururu, azanye imikogote n’abagendera ku mafarasi n’amāto menshi; azotera ibihugu, asendanishe, abihitane.
Nuko ni wīgīre, urīndīre iherezo; kuk’ uzoruhuka, kand’ uzohagarara mu mugabane wawe, kw iherezo ry’iyo misi.
Nuko rero wewe Daniyeli, gumiza ayo majambo muri ntibate, umatanishe ishashara igitabo cavyo udomemw’ ikimenyetso, gushitsa igihe c’iherezo; ni ho benshi bazoserangura muri co, kand’ ubgenge buzogwira.
Maz’ umwami Nebukadineza aca yikubita hasi, apfukamira Daniyeli, avuga ko bamucumitira ikimazi bakamwosereza imibavu.
Nuko nēgēra umwe mu bari bahagazeho, ndamwinginga ngw ambarire ivy’ ukuri vyo mur’ ivyo vyose; arabimbgira, ammenyesha uko bisobanurwa.
Nuko jewe ubganje Daniyeli mmaze kubona ivyo neretswe, ndondera uko nobitahura; mbona ikimpagaze imbere gifise ishusho nk’iy’ umuntu.
Arambgira, at’ Umve ngira nkumenyeshe ibizoba mu gihe c’uburake bgo kw iherezo; kukw ar’ ivy’ igihe c’iherezo cashinzwe.
Maze jewe Daniyeli nca ncika intege, mmara imisi ndwaye. Hanyuma mva hasi, nkora ibikorwa vy’umwami; ntangazwa n’ivyo neretswe, kandi nta wobitahura.
Ugitangura gutakamba hacuwe ijambo, kandi nzanywe no kurikubarira, kuk’ ur’ umukundwa cane; nukw iryo jambo uryiyumvire cane, utahure n’ivyo weretswe.
Kand’ azosezerana na benshi isezerano rikomeye kumara iyinga rimwe: ni ryagera hagati azokūrah’ ibimazi n’amashikanwa; ūgeseza azoza kw ibaba ry’ibizira; maz’ ubuyobe buzosukwa kur’ uyo ageseza, gushitsa ku muhero washinzwe.
Kukw ivyerekanywe bifise igihe vyashingiwe, kandi vyihutira kugishikako, ntibizobesha; naho vyotebagana, ubirorēre, kuko bitazobura kuza, ntibizoteba.
Bunamuye amaso, ntibagira uwundi babona, atari Yesu wenyene.
Ndamubonye, nikubita imbere y’inyundo ziwe nk’ūpfuye; maz’ anshirak’ ukuboko kw’i buryo, ati Ntutinye; jewe nd’ uwa mbere kandi nd’ uw’ iherezo,
Ni jewe Yohana numvise ivyo, ndavyibonera. Mmaze kuvyumva no kubibona, nikubita hasi imbere y’ibirenge vy’umumarayika anyeretse ivyo, ngira ndamusenge.