Biblia Todo Logo
Bìoball air-loidhne

- Sanasan -




Daniyeli 8:15 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

15 Nuko jewe ubganje Daniyeli mmaze kubona ivyo neretswe, ndondera uko nobitahura; mbona ikimpagaze imbere gifise ishusho nk’iy’ umuntu.

Faic an caibideil Dèan lethbhreac




Daniyeli 8:15
22 Iomraidhean Croise  

Kuk’ umwana atuvukiye, duhawe umwana w’umuhungu; ubutware buzoba ku bitugu vyiwe: azokwitwa Igitangaza, Umujanama, Imana y’ubushobozi, Data wa twese ahoraho, Umukama w’amahoro.


Maze haza ūfise ishusho nk’iy’ abana b’abantu, akora ku munwa wanje; nca nteranura akanwa, ndavuga mbarira uwar’ ampagaze imbere, nti Databuja, ivyo neretswe vyatumye nsinzikazwa n’umubabaro, ndadendebukiwe.


Uwasa n’umuntu yongera kunkorako, ansubizamw’ intege.


Nunamuye amaso mbona umuntu yambaye impuzu zera, akenyeje izahabu nziza zavuye muri Ufazi.


Ndavyumva, ariko sinabitahura; nca ndabaza, nti Databuja, ikizoherukira ibindi mur’ ivyo n’ikihe?


Kandi mu vyo neretswe mw ijoro, nagize ntya mbona haje uwusa n’Umwana w’umuntu, azananye n’ibicu vyo kw ijuru, aza kuri wa Wundi wa mbere na mbere, baramumushikiriza.


Ayo majambo agarukiye aho. Ariko jewe Daniyeli ivyiyumviro vyanje bimpagarika umutima, mu maso hanje harahindurira; arikw ayo majambo ndayabīka mu mutima wanje.


Mu mwaka ugira gatatu umwami Belushaza ari ku ngoma, jewe Daniyeli mbona ivyo neretswe bikurikira ivya mbere.


Arambgira, at’ Umve ngira nkumenyeshe ibizoba mu gihe c’uburake bgo kw iherezo; kukw ar’ ivy’ igihe c’iherezo cashinzwe.


Maze ndabaza, nti Mugenzi, ibi n’ibiki? Umumarayika twavugana aranyishura, ati Ndakubarira ivy’ ari vyo.


Maz’ asezera ishengero, yinjira mu nzu. Abigishwa biwe baza kuri we, bati Dusobanurire umugani w’urwamfu rwo mu ndimiro.


Nukw aho muzobonera ca kizira c’ubuyobe bg’ubugesera, gihagaze ahantu hēra, cavuzwe na Daniyeli yavugishwa n’Imana — ūsoma ni yiyubare —


Bun’ ikimenyetso c’Umwana w’umuntu kizobonekera kw ijuru, ni ho amoko yose yo mw isi azoboroga, bazobona Umwana w’umuntu aje mu bicu vyo kw ijuru ari n’ububasha n’ubgiza bginshi.


Ariko, aho muzobonera ca kizira c’ubuyobe bg’ubugesera gihagaze aho kidakwiye, (ūsoma ni yiyubare), ico gihe abazoba bar’ i Yudaya baze bahungire ku misozi miremire,


ngo kurāba barābe, yamara ntibavyitegereze; kwumva bavyumve, yamara ntibabitahure; ngo kumbure bohindukira bagaharirwa.


Aramwishura, at’ Ekāye: arikw ikinzanye ubu n’uko nd’ umugabisha w’ingabo z’Uhoraho. Maze Yosuwa arapfukama, arūnama, amuha icubahiro, aramubaza, ati Mugenzi, jewe umusavyi wawe non’ ico ugomba kumbarira n’iki?


kandi hagati y’ivyo biterekwakw amatara mbona uwusa n’Umwana w’umuntu, yambaye imyambaro ishika ku birenge, yambaye mu gikiriza umukanda w’izahabu.


Aho ni ho ubgenge buserukira. Ūfise ubgenge n’aharūre igitigiri c’ico gikōko. N’igitigiri c’umuntu: igitigiri caco n’amajana atandatu na mirongwitandatu na gatandatu.


Lean sinn:

Sanasan


Sanasan