Biblia Todo Logo
Bìoball air-loidhne

- Sanasan -




Daniyeli 8:14 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

14 Aranyishura, ati Buzokwira buce imisi ibihumbi bibiri n’amajana atatu; ni ho ahantu hēra hazobona guhumanuka.

Faic an caibideil Dèan lethbhreac




Daniyeli 8:14
14 Iomraidhean Croise  

Imana yita umuco umurango, umwiza iwita ijoro. Buragoroba, buraca: uwo n’umusi wa mbere.


I Siyoni hazocunguzwa guca iziroranye, abīsubiyemwo baho bazocunguzwa ukugororoka.


Uhoraho, muri we ni ho uruvyaro rwose rwa Isirayeli ruzotsindanishiririzwa, rukamwirata.


Ikimazi co kwoswa gihora gitangwa uko bukeye uhereye igihe kizokūrirwaho, bagashinga ca kizira c’ubuyobe cazanye ubugesera, hazocah’ imisi igihumbi n’amajana abiri na mirongwicenda.


Hahirwa uzorīndīra, agashitsa ku misi igihumbi n’amajana atatu na mirongwitatu n’itanu.


Mbona wa muntu yambaye impuzu zera, yari hejuru y’amazi y’urwo ruzi, amanika ukuboko kw’i buryo n’ukw’ i bumoso, ayatunga mw ijuru; numva arahira Ībaho ibihe bitazoshira, yuko bizomara igihe n’ibihe n’igice c’igihe; kand’ ati Ni bamara guca ubgoko bgera ubunywenywe, ivyo vyose bizoba bishize.


Īsumba vyose azoyivugakw amajambo y’agatītūro, kand’ azocobogoza abera b’Īsumba vyose. Azoja imigabo yo guhindura ibihe n’ivyagezwe; kandi bazorekerwa mu maboko yiwe kugeza ah’ igihe n’ibihe n’igice c’igihe bizoshirira.


Kand’ ivyerekanywe vy’ubgira bugaca vy’iyo misi vyavuzwe, n’ivy’ ukuri; arik’ ugumize ivyo weretswe muri ntibate, kukw ar’ ibizoba hahise igihe kirekire.


Kand’ ivyanditswe vyabimenye bitaraba yukw Imana izotsindanishiriza abanyamahanga kubg’ ukwizera, bibarira Aburahamu ubutumwa bgiza bg’ibitaraba, biti Muri wewe ni ho amahanga yose azohērwa umugisha.


Umumarayika w’indwi avuza inzamba: mw ijuru hakurikira amajwi arenga, at’ Ubgami bg’isi buhindutse ubg’ Umwami wacu n’ubga Kristo wiwe, kand’ azohora ahangamye ibihe bitazoshira.


Umugore ahabga amababa abiri y’inkukuma nini, kugira ngw agurukire mu bugaragwa ahantu hiwe, ah’ agaburirirwa igihe n’ibihe n’igice c’igihe, arindwa ico kiyoka.


Gihabga akanwa kavuga ibihambaye n’ivyo kurogota: gihabga n’ubushobozi bgo gushishikara amezi mirongwine n’abiri.


Lean sinn:

Sanasan


Sanasan