Daniyeli 8:13 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)13 Maze numva uwera avuga; kand’ uwundi mu bera abaza umwe yabanje kuvuga, ati Bizogeza ryari ivyerekanywe vy’ikimazi cahora gitangwa, n’ivy’ igicumuro kizanye ubugesera, gitumye ahantu hēra n’ingabo bitangwa bigasiribangwa? Faic an caibideil |
Kandi mwami, nk’uko wabonye umushibamyi kandi yar’ uwera amanuka ava mw ijuru, ati Ni wīcire ico giti ugicagagure, arikw igishitsi ukirekerane n’imizi yaco mu kuzimu, ugihambirize ivyuma n’ imiringa, gisigare mu vyatsi bitoto vyo ku musozi, kize gitondweko n’urume ruva mu kirēre, kirishanye n’ibikōko vyo mw ishamba, gushitsa ibihe ndwi bigikūranirwako: