Biblia Todo Logo
Bìoball air-loidhne

- Sanasan -




Daniyeli 8:10 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

10 Rihinduka rinini ryagamba no mu ngabo zo mw ijuru, mber’ ingabo zimwe n’inyenyeri zimwe ribishiburira hasi, rirabisiribanga.

Faic an caibideil Dèan lethbhreac




Daniyeli 8:10
9 Iomraidhean Croise  

Wari warībariye mu mutima, uti Nzodūga nje mw ijuru, nkuze ingoma yanje isumbe inyenyeri z’Imana; uti Nzovyagira ku musozi w’ikoraniro mu ruhande rw’ impera y’i burārūko;


Muhaboreze, kuko hinantaje k’ Uhoraho; nuko Mowabu hazokwivurunga mu bidashwe vyaho, hacike agatwengo.


Nukw azosubirana mu gihugu ciwe ibintu vyinshi; kand’ umutima wiwe uzoba wanse isezerano ryera, azokora nk’uko yigombeye, maz’ asubire mu gihugu ciwe.


Kukw amāto y’i Kitimu azomutera, azotuma atinyirira amagara, asubire inyuma; azoshungumirirwa isezerano ryera, akore nk’uko yigombeye; mber’ azosubirayo, ashire umutima ku bātaye isezerano ryera.


Hanyuma y’ivyo, mu vyo neretswe mw ijoro ngira ntya mbona igikōko ca kane, giteye ubgoba c’ubuyobe, kandi c’inkomezi nyinshi; cari gifise imihāha minini y’ivyuma; kiratabagura, kirajanjanga; ibisigaye kibisiribangisha amajanja yaco. Cari gifise itandukaniro n’ ibindi bikōko vyose vyacitangiye imbere; kandi cari gifise amahembe cumi.


Mbona yēgereye iyo mpfizi y’intama, irayishamira, irayisekura, iyivuna ayo mahembe yompi; kand’ iyo mpfizi y’intama ntiyagira inkomezi zo kuyihagarara imbere, arikw iyo mpene iyikubita hasi, irayisiribanga; kand’ iyo mpfizi y’intama ntihāboneka ūshobora kuyikiza ya mpfizi y’impene.


Umurizo waco ukwega ikigira gatatu c’inyenyeri zo kw ijuru, uzishiburira kw isi. Ico gisato gihagarara imbere y’uwo mugore agira avyare, kugira ngo ni yavyara kirotse umwana wiwe.


Lean sinn:

Sanasan


Sanasan