Biblia Todo Logo
Bìoball air-loidhne

- Sanasan -




Daniyeli 8:1 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

1 Mu mwaka ugira gatatu umwami Belushaza ari ku ngoma, jewe Daniyeli mbona ivyo neretswe bikurikira ivya mbere.

Faic an caibideil Dèan lethbhreac




Daniyeli 8:1
11 Iomraidhean Croise  

Mu mwaka wa mirongwitatu, mu kwezi kwa kane, ku musi ugira gatanu w’ukwo kwezi, nari kumwe n’abājanywe ar’ inyagano turi ku ruzi Kebari; ijuru riruguruka, maze mbona ivyo neretswe bivuye ku Mana.


Maz’ abo basore ukw ari bane Imana ibaha gukerebuka no kuba uburyo mu vyo bigishwa vyose no mu bgenge; kandi Daniyeli yari n’ubgenge bgo gutahura ivyerekanwa vyose bo n’inzozi.


Mur’ iyo misi jewe Daniyeli namaze amayinga atatu yiramvuriye ntuntuye.


Ni jewe Daniyeli gusa nabonye ivyo vyerekanywe, yamar’ abantu twari kumwe ntibabibonye, ariko bafatwa n’agatengo gakomeye, barahunga barihisha.


Ni yamara guhaguruka, ubgami bgiwe buzosatagurwa, bugabanywemwo bune nk’uko butumbereye ibirēre bine vy’ijuru, kandi ntibuzosubirwamwo n’uruvyaro rwiwe, canke ngo buganzishwe ububasha nk’uko yabuganzisha; kuk’ ubgami bgiwe buzoshingurwa, buhabge abandi atari mur’ abo.


Mu mwaka wa mbere Belushaza umwami w’i Babuloni ari ku ngoma, Daniyeli yarose inzozi, abona ivyo yerekewe mu mutwe, ari ku buriri bgiwe. Maze yandika ivyo yarose, arobanuramw’ ingingo zavyo zikomeye.


Maze jewe Daniyeli, umutima untunturiramwo, uhagarikwa n’ ivyo nabonye nerekewe mu mutwe.


Ayo majambo agarukiye aho. Ariko jewe Daniyeli ivyiyumviro vyanje bimpagarika umutima, mu maso hanje harahindurira; arikw ayo majambo ndayabīka mu mutima wanje.


Nuko jewe ubganje Daniyeli mmaze kubona ivyo neretswe, ndondera uko nobitahura; mbona ikimpagaze imbere gifise ishusho nk’iy’ umuntu.


Mbona ivyo neretswe nko mu nzozi, maze mvyitegereje mbona ndi ku murwa i Shushani, mu ntāra yo muri Elamu; ndāvye ivyo neretswe mbona ndi ku ruzi Ulayi.


mur’ uwo mwaka wa mbere ari ku ngoma, jewe Daniyeli namenyeshejwe n’ibitabo igitigiri c’imyaka Yerusalemu hazomara ar’ imisaka, kw ar’ imyaka mirongwirindwi, ari yo nyene ijambo ry’Uhoraho ryavuze, arivugishije Yeremiya.


Lean sinn:

Sanasan


Sanasan