Mu mwaka wa mirongwitatu, mu kwezi kwa kane, ku musi ugira gatanu w’ukwo kwezi, nari kumwe n’abājanywe ar’ inyagano turi ku ruzi Kebari; ijuru riruguruka, maze mbona ivyo neretswe bivuye ku Mana.
Maz’ abo basore ukw ari bane Imana ibaha gukerebuka no kuba uburyo mu vyo bigishwa vyose no mu bgenge; kandi Daniyeli yari n’ubgenge bgo gutahura ivyerekanwa vyose bo n’inzozi.
Mu mwaka wa mbere Belushaza umwami w’i Babuloni ari ku ngoma, Daniyeli yarose inzozi, abona ivyo yerekewe mu mutwe, ari ku buriri bgiwe. Maze yandika ivyo yarose, arobanuramw’ ingingo zavyo zikomeye.
Mbona ivyo neretswe nko mu nzozi, maze mvyitegereje mbona ndi ku murwa i Shushani, mu ntāra yo muri Elamu; ndāvye ivyo neretswe mbona ndi ku ruzi Ulayi.
mur’ uwo mwaka wa mbere ari ku ngoma, jewe Daniyeli namenyeshejwe n’ibitabo igitigiri c’imyaka Yerusalemu hazomara ar’ imisaka, kw ar’ imyaka mirongwirindwi, ari yo nyene ijambo ry’Uhoraho ryavuze, arivugishije Yeremiya.