Daniyeli 7:9 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)9 Nkomeza kwitegereza, bakiriko barashirah’ intebe z’ubgami; maze haza Uwa mbere na mbere, aravyagira. Imyambaro yiwe yera nka shelegi kand’ umushatsi wiwe wasa n’ubgoya bg’intama yera derere; intebe y’ubgami bgiwe yari nk’ibirimi vy’umuriro, kand’ amakurudumu yayo yari nk’umuriro waka. Faic an caibideil |
Mbona intebe z’ubgami, mbona abicara kuri zo, bahabga ubucamanza. Kandi mbona ubugingo bg’abaciwe amazosi, babahōra gushingira intahe Yesu, n’ijambo ry’Imana, ni bo batāsenze ca gikōko cank’ igishushanyo caco, kandi ntibemeye gushirwa ikimenyetso caco mu ruhanga canke ku kiganza. Baba bazima, bafatanya na Kristo kuganza imyaka igihumbi.