Biblia Todo Logo
Bìoball air-loidhne

- Sanasan -




Daniyeli 7:8 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

8 Nitegereje ayo mahembe, mbona muri yo hameze akandi gahembe gatoya. Imbere yako hakūrwa amahembe atatu mu yar’ asanzwe. Maz’ ako gahembe nkabonakw amaso asa n’ay’ umuntu, n’akanwa kavuga ibihambaye.

Faic an caibideil Dèan lethbhreac




Daniyeli 7:8
15 Iomraidhean Croise  

Uhoraho azokūrah’ iminwa yose ihemana, N’ururimi rwihayagiza:


Nuk’ uwo mwami azokora uko yigombeye, yishire hejuru, yīgire agahambaye gasumba icitwa imana cose, kand’ azovuga ibitangaza vyo kurogota ku Mana nya mana, azororanirwa gushitsa ah’ uburake buzoshikira; kukw icashinzwe kitazobura gushika.


Maze nca nifuza kumenya ivy’ ukuri vy’igikōko ca kane cari gifise itandukaniro na vya bindi vyose, kigatera ubgoba butavugwa, gifise imihāha y’ivyuma n’ ivyāra vy’imiringa, cātabagura kikajanjanga, ibisigaye kikabisiribangisha amajanja yaco.


umurwanizi yishira hejuru y’icitwa Imana cose cank’ igisengwa; nukw azokwicara mu rusengero rw’ Imana, yiyerekana ngo n’Imana.


Kukw abantu bazoba bikunda gusa, bakunda amahera, bīrārīra, bībona, batukana, batumvira abavyeyi, intashima, abanegura ivy’ Imana,


Bavuga ibitumbaganyemw’ ibitagira ico bimaze, basukasuka abariko baridohora mu bagenda bazimiye, babasukasukisha ukwifuza kw’umubiri n’isoni nke.


Abo n’abidodomba n’abanyamwikomo bagenda bakurikira ukwifuza kwabo, akanwa kabo kavuga amagambo atumbaganyemw’ ukwirarira, bubahira abantu kubakūramw’ amaronko.


Gihagarara ku musenyi wo ku kiyaga. Mbona igikōko ciburuka kiva mu kiyaga, gifise amahembe cumi n’imitwe ndwi: ku mahembe yaco hārih’ imigāra cumi, no ku mitwe yaco hārih’ amazina y’amarogotano.


Kand’ ishusho y’izo nzige yasa n’iy’ amafarasi yiteguriwe intambara, zari zambaye mu mitwe nk’ibitsibo bisa n’izahabu, mu maso hazo hasa n’ah’ abantu.


Ntimukongere kuvuga ivy’ ubgibone murtyo, Ivy’ amanyama ntibigaturuke mu kanwa kanyu; Kuk’ Uhoraho ar’ Imana izi vyose, Ni yo igera ibikorwa vy’abantu nko ku munzane.


Lean sinn:

Sanasan


Sanasan