Biblia Todo Logo
Bìoball air-loidhne

- Sanasan -




Daniyeli 7:6 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

6 Hanyuma y’ivyo mbona ikindi gikōko gisa n’ingwe; mu mbavu zaco cari gifise amababa ane, nk’ay’ igisīga; kand’ ico gikōko cari gifise imitwe ine; gihabga inganji.

Faic an caibideil Dèan lethbhreac




Daniyeli 7:6
10 Iomraidhean Croise  

ut’ Uku ni k’Umwami Uhoraho agize, at’ Inkukuma niniya, y’amababa manini n’amoya maremare, ifise ivyoya vyinshi vy’amabara atar’ amwe, yaje i Lebanoni, ica agatwetwe k’igiti citwa isederi,


Arambaza, at’ Urazi ikinzanye kuri wewe? Ubu ngira nsubireyo kurwanya segaba w’i Buperesi; kandi ni natabaruka, segaba w’i Bugiriki azoca aza.


Kandi mu nyuma zawe hazovyuka ubundi bgami butanganya n’ubgawe gukomera; hanyuma hazovyuka ubundi bgami bga gatatu, buzoganza isi yose.


Ica mbere casa n’intambge, kandi cari gifise amababa nk’ay’ inkukuma; ndacitegereza, gushitsa ah’ ivyubi vyaco bihanyuwe, gikūrwa hasi, gihagarikwa ku maguru, cēma nk’umuntu, kandi gihabga umutima nk’uw’ umuntu.


Ndongera mbona ikindi gikōko ca kabiri gisa n’icitwa idubu; cari gihengarariye uruhande rumwe, cari gifashe amagufa atatu y’ imbavu mu kanwa, mu mihāha yaco. Barakibgira, bati Va hasi urye inyama nyinshi.


Ni co catumye mbamerera nk’intambge, kandi nkabategera ku nzira nk’ingwe.


Ico gikōko nabonye casa n’ingwe, amajanja yaco yar’ ameze nk’ay’ idubu, akanwa kaco kari kameze nk’ak’ intambge. Ca gisato kigiha ububasha bgaco, no kuja ku ngoma yaco, n’ubutware buhambaye.


Lean sinn:

Sanasan


Sanasan