Biblia Todo Logo
Bìoball air-loidhne

- Sanasan -




Daniyeli 7:22 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

22 gushitsa Uwa mbere na mbere aje, atsindishiriza abera b’Īsumba vyose; nukw igihe kirashika, abera begukira ubgami.

Faic an caibideil Dèan lethbhreac




Daniyeli 7:22
17 Iomraidhean Croise  

Abakunzi biwe bavugirize impundu mur’ ico cubahiro: Baririmbishwe n’akanyamuneza bari ku mariri yabo.


Kuko nari narashinze mu mutima umusi wo kwīhōra, kand’ umwaka wo gucungura abantu banje urashitse.


Arikw abera b’Īsumba vyose bazohabga ubgo bgami, kand’ ubgo bgami bazobgegukira buhore ar’ ubgabo gushitsa ibihe bitazoshira.


Maze wa wundi arambarira, at’ Ico gikōko ca kane kizoba ubgami bga kane kw isi, kandi buzoba bufise itandukaniro n’ubundi bgami bgose, buzotabagura isi yose, buyisiribange, buyijanjange.


Yesu arababgira, ati Ndababgira ukuri yuko mwebge abankurikiye, ah’ Umwana w’umuntu azovyagirira ku ntebe y’ubgiza bgiwe, igihe co kuvyarwa ukundi gusha, namwe muzokwicara ku ntebe cumi na zibiri, mucire imanza imiryango cumi n’ibiri y’Abisirayeli.


Ni ho wa mugarariji azohishurirwa, umwe Umwami Yesu azokwicisha impwemu ziva mu kanwa kiwe, azomutītūza uguseruka kw’ukuza kwiwe.


akaduhindura ubgami, no kuba abaherezi b’Imana yiwe, ni yo Se: icubahiro n’inganji bibe ivyiwe ibihe bitazoshira. Amen.


Mbona intebe z’ubgami, mbona abicara kuri zo, bahabga ubucamanza. Kandi mbona ubugingo bg’abaciwe amazosi, babahōra gushingira intahe Yesu, n’ijambo ry’Imana, ni bo batāsenze ca gikōko cank’ igishushanyo caco, kandi ntibemeye gushirwa ikimenyetso caco mu ruhanga canke ku kiganza. Baba bazima, bafatanya na Kristo kuganza imyaka igihumbi.


Ūnesha, nzomuha kwicarana nanje ku ntebe yanje y’ubgami, nk’uko nanje nanesheje nkicarana na Data ku ntebe yiwe.


ukabahindura ubgami bg’Imana yacu no kuba abaherezi bayo, kandi bazoba abami mw isi.


Lean sinn:

Sanasan


Sanasan