Daniyeli 7:19 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)19 Maze nca nifuza kumenya ivy’ ukuri vy’igikōko ca kane cari gifise itandukaniro na vya bindi vyose, kigatera ubgoba butavugwa, gifise imihāha y’ivyuma n’ ivyāra vy’imiringa, cātabagura kikajanjanga, ibisigaye kikabisiribangisha amajanja yaco. Faic an caibideil |
Hanyuma y’ivyo, mu vyo neretswe mw ijoro ngira ntya mbona igikōko ca kane, giteye ubgoba c’ubuyobe, kandi c’inkomezi nyinshi; cari gifise imihāha minini y’ivyuma; kiratabagura, kirajanjanga; ibisigaye kibisiribangisha amajanja yaco. Cari gifise itandukaniro n’ ibindi bikōko vyose vyacitangiye imbere; kandi cari gifise amahembe cumi.