Biblia Todo Logo
Bìoball air-loidhne

- Sanasan -




Daniyeli 7:14 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

14 Aca ahabga inganji n’icubahiro n’ubgami, kugira ngw amoko yose n’amahanga n’abavuga indimi zitari zimwe bamusabe: ingoma yiwe n’ingoma itazovaho, kand’ ubgami bgiwe n’ubgami butazohangura.

Faic an caibideil Dèan lethbhreac




Daniyeli 7:14
41 Iomraidhean Croise  

Amahanga n’ibihugu vy’abami Aho bazoshengerera gusaba Uhoraho.


Uhoraho yahamangiye intebe yiwe mw ijuru: Ubgami bgiwe buganza vyose.


Ubgami bgawe n’ubgami bg’ ibihe bidashira, Ubugabe bgawe buzohangama uk’ urunganwe ruzogenda rukurikira urundi.


Uhoraho azohora ahangamye uk’ urunganwe ruzogenda rukurikira urundi, Imana yawe, Siyoni, izohora ihangamye ibihe vyose. Haleluya!


Ingoma yawe Mana, ihangamye ibihe bidashira, Icumu ry’ubugabe bgawe n’ icumu ry’ūganza atunganye.


Mber’ abami bose bazomwikubita imbere, Amahanga yose azomusaba.


Izina ryiwe rizohorah’ ibihe bidashira, Izina ryiwe rizogira uruvyaro, izuba rikiriho: Abantu bazokwisabira umugisha wo guhwana na we, Amahanga yose azomwita umuhirwe.


Wamuhaye kuganza ibikorwa vy’amaboko yawe, Wamuhaye gutwara ibintu vyose, ubishira musi y’ibirenge vyiwe:


ni ho intebe y’ubgami izoshimangirwa n’imbabazi, kandi hazobah’ ūzoyivyagirako mu kuri, mu nzu ya Dawidi, ar’ umucamanza ashishikara izibereye, akabanguka gukora ivy’ ukugororoka.


Kukw ihanga n’ubgami bitazokwemera kugukorera bizohona; ni koko ayo mahanga azogesezwa rwose.


Kuk’ umwana atuvukiye, duhawe umwana w’umuhungu; ubutware buzoba ku bitugu vyiwe: azokwitwa Igitangaza, Umujanama, Imana y’ubushobozi, Data wa twese ahoraho, Umukama w’amahoro.


Ukugwira kw’ubutware bgiwe n’amahoro ntibizogira iherezo, ku ngoma ya Dawidi no ku bgami bgiwe, bibukomeze, bibushigikize guca imanza zibereye n’ukugororoka, uhereye none ugashitsa ibihe vyose. Umwete w’Uhoraho Nyen’ ingabo uzoshitsa ivyo.


Nukw icuma n’ibumba n’umuringa n’ifeza n’izahabu bica bimenagurikira rimwe, bicika nk’umuguruka wo ku mbuga basekurirako mu ci; umuyaga urabitumura, maz’ aho vyahora ntihaba hakiboneka: maz’ iryo buye ryikubise kur’ ico gishushanyo ricika umusozi munini, ryuzura isi yose.


Nuko mugenzi, wewe ur’ umwami aganza abami; Imana yo mw ijuru yaguhaye ubgami n’ububasha n’inganji n’icubahiro;


Nuko ku ngoma z’abo bami, Imana yo mw ijuru izohagurutsa ubundi bgami butazokwigera buhangūra, kand’ ingoma y’inganji yabgo nta ho izonyagwa n’irindi hanga; ariko buzomara bukomvomvore ubgami bgose bg’abo bami; yamara bgo buzohangama gushitsa ibihe vyose.


Umusiguzi asemerera n’ijwi rirenga, ati Yemwe moko n’amahanga n’abavuga indimi zitari zimwe, ngibi ivyo mugezwe:


Es’ ukuntu ibimenyetso vyayo ar’ ibikomeye, n’ibitangaza vyayo ar’ ibihambaye! Ubgami bgayo n’ ubgami butazoshira, kand’ ingoma yayo izohangama ukw ibihe bikūranwa.


Nshinze icagezwe ngo mu bgami bganje iyo buva bukagera, abantu bahindire agashitsi imbere y’Imana ya Daniyeli, bayubahe: kukw iyo ari yo Mana nzima, ihora ihangamye ibihe vyose; ubgami bgayo ntibuzokwigera buhangūra, kand’ ingoma yayo izoshika no kw iherezo.


Arikw abera b’Īsumba vyose bazohabga ubgo bgami, kand’ ubgo bgami bazobgegukira buhore ar’ ubgabo gushitsa ibihe bitazoshira.


Kand’ ubgami n’inganji n’ubukuru bg’ubgami bgose buri musi y’ijuru hose bizogabirwa ubgoko bg’abera b’ Īsumba vyose; ubgami bgayo n’ubgami buzokwamaho, kand’ abami bose bazoyikorera bayumvire.


Kand’ abatabazi bazodūga ku musozi Siyoni, ngo bacire urubanza umusozi wa Esau; kand’ ubgami buzoba ubg’ Uhoraho.


kand’ abacumbagira nzobasigazaho babe amasigarira, n’abari baraciwe mbahindure ihanga rikomeye; maze jewe Uhoraho nzobaganza ndi ku murwa Siyoni, uhereye aho ugashitsa ibihe bidashira.


Vyose nabihawe na Data, kandi nta wuzi Umwana, atari Data, na Data, nta wumuzi, atar’ Umwana, n’uwo Umwana agomba kumuhishurira.


Yesu arabēgēra, arababgira, ati Jewe nahawe ububasha bgose mw ijuru no mw isi.


ahangame mu nzu ya Yakobo ibihe bidashira; ubgami bgiwe ntibuzogira iherezo.


Vyose nabihawe na Data; kandi nta wuzi Umwana uw’ ari we, atari Data: na Data nta wumuzi uw’ ari we atar’ Umwana, n’uwo Umwana agomba kumuhishurira.


Ishengero riramwishura, riti Twebge twumvise mu vyagezwe ko Kristo azohorah’ ibihe bidashira. Non’ uvuze ute ng’ Umwana w’umuntu akwiye kumanikwa? Mbeg’ uwo Mwana w’umuntu ni nde?


Se arakunda Umwana, kandi yamuhaye vyose, abishira mu kuboko kwiwe.


Ni co gituma, kuko twākīra ubgami budashobora kunyiganyizwa, dukwiye gukenguruka, kugira ngo tubone ingene dukorera Imana tuyihimbaye, tuyubaha tuyitinya:


ar’i buryo bg’Imana, kuko yagiye mw ijuru, amaze guhabga gutwara abamarayika n’abanyabubasha n’abanyabushobozi.


akaduhindura ubgami, no kuba abaherezi b’Imana yiwe, ni yo Se: icubahiro n’inganji bibe ivyiwe ibihe bitazoshira. Amen.


Umumarayika w’indwi avuza inzamba: mw ijuru hakurikira amajwi arenga, at’ Ubgami bg’isi buhindutse ubg’ Umwami wacu n’ubga Kristo wiwe, kand’ azohora ahangamye ibihe bitazoshira.


Abo bazorwanya Umwagazi w’Intama, uwo Mwagazi azobanesha, kukw ari we aganza abaganza n’Umwami w’abami, kand’ abari kumwe na we, bāhamagawe, bātoranijwe, bāyobotse, na bo bazobanesha.


Ūnesha, nzomuha kwicarana nanje ku ntebe yanje y’ubgami, nk’uko nanje nanesheje nkicarana na Data ku ntebe yiwe.


Lean sinn:

Sanasan


Sanasan