Biblia Todo Logo
Bìoball air-loidhne

- Sanasan -




Daniyeli 7:13 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

13 Kandi mu vyo neretswe mw ijoro, nagize ntya mbona haje uwusa n’Umwana w’umuntu, azananye n’ibicu vyo kw ijuru, aza kuri wa Wundi wa mbere na mbere, baramumushikiriza.

Faic an caibideil Dèan lethbhreac




Daniyeli 7:13
39 Iomraidhean Croise  

Uhoraho ar’ i Siyoni azoshingiriza kure inkoni y’ ububasha bgawe: Ganza hagati y’abansi bawe.


Nsaba, nzoguha amahanga, az’ abe umwandu wawe, N’impera z’isi zize zibe ishamvu yawe.


Imana idūze mu mpundu, Uhoraho adūze mu majwi y’ inzamba.


Eh’ azodūga nk’intambge ivuye kuri Yorodani iyo rwigize akagabo, ngw atere ahantu h’itsitsi hakomeye: ariko nzotuma ahahunga giturumbuka, kand’ uwo nzotoranya ni we nzoshinga ngw ahaganze: none ni nde ahwanye nanje? Kandi ni nde azonshingira igihe? Kandi ni nde mwungere yohangara guhagarara imbere yanje?


Hirya y’iryo tāzānure ryo hejuru y’imitwe yavyo hār’ igisa n’intebe y’ubgami imeze nk’akabuyenge kitwa safiro; kandi hejuru kur’ ico kintu casa n’intebe y’ubgami hār’ igisa n’umuntu.


Nuko ku ngoma z’abo bami, Imana yo mw ijuru izohagurutsa ubundi bgami butazokwigera buhangūra, kand’ ingoma y’inganji yabgo nta ho izonyagwa n’irindi hanga; ariko buzomara bukomvomvore ubgami bgose bg’abo bami; yamara bgo buzohangama gushitsa ibihe vyose.


Kandi na vya bikōko bindi, inganji yavyo birayakwa: ariko vyongerwa ukubaho gushitsa igihe kinaka.


Nuko Daniyeli aravuga, ati Mu vyo neretswe mw ijoro, nagize ntya, mbona imiyaga ine yo mu kirēre isenyeranira ku kiyaga kinini.


gushitsa Uwa mbere na mbere aje, atsindishiriza abera b’Īsumba vyose; nukw igihe kirashika, abera begukira ubgami.


Nkomeza kwitegereza, bakiriko barashirah’ intebe z’ubgami; maze haza Uwa mbere na mbere, aravyagira. Imyambaro yiwe yera nka shelegi kand’ umushatsi wiwe wasa n’ubgoya bg’intama yera derere; intebe y’ubgami bgiwe yari nk’ibirimi vy’umuriro, kand’ amakurudumu yayo yari nk’umuriro waka.


Nuko jewe ubganje Daniyeli mmaze kubona ivyo neretswe, ndondera uko nobitahura; mbona ikimpagaze imbere gifise ishusho nk’iy’ umuntu.


Umwana w’umuntu azotuma abamarayika biwe, na bo bazotororokanya ibitsitaza vyose n’abakoze ibizira, babikūre mu bgami bgiwe.


Bun’ ikimenyetso c’Umwana w’umuntu kizobonekera kw ijuru, ni ho amoko yose yo mw isi azoboroga, bazobona Umwana w’umuntu aje mu bicu vyo kw ijuru ari n’ububasha n’ubgiza bginshi.


Arik’ Umwana w’umuntu ah’ azozira afise ubgiza bgiwe ari kumwe n’abamarayika biwe bose, ni ho azovyagira ku ntebe yiwe y’ubgiza:


Yesu aramwishura, at’ Urarivuze; yamara ndababgira yuk’ uhereye ubu muzobona Umwana w’umuntu yicaye i buryo bg’Ububasha, aje mu bicu vyo kw ijuru.


Yesu arabēgēra, arababgira, ati Jewe nahawe ububasha bgose mw ijuru no mw isi.


Yesu aramubgira, at’ Imbgebge ziri n’imyobo, n’ibiguruka mu kirēre biri n’ivyari; arik’ Umwana w’umuntu we ntagira ah’ arambika umusaya.


Ni ho bazobona Umwana w’umuntu aje mu bicu, ari n’ububasha bginshi n’ubgiza.


Ni ho bazobona Umwana w’umuntu aje mu gicu, ari n’ububasha n’ubgiza bginshi.


Mwame mugavye, musenge mu bihe vyose, kugira ngo muze mushobore guhunga ivyo vyose bigira bibeho, ngo muhagarare imbere y’Umwana w’umuntu.


Atangurira kuri Mose no ku bāvugishwa n’Imana bose, abasobanurira mu vyanditswe vyose ivyanditswe kuri we.


Ishengero riramwishura, riti Twebge twumvise mu vyagezwe ko Kristo azohorah’ ibihe bidashira. Non’ uvuze ute ng’ Umwana w’umuntu akwiye kumanikwa? Mbeg’ uwo Mwana w’umuntu ni nde?


Nta wadūze mw ijuru, atar’ uwamanutse ava mw ijuru, ni we Mwana w’umuntu wo mw ijuru.


Yamuhaye ububasha bgo guca imanza, kukw ar’ Umwana w’umuntu.


aravuga, at’ Ehe mbonye ijuru rikingurutse, n’Umwana w’umuntu ahagaze i buryo bg’Imana.


maze natwe abazoba bakiriho, dusigaye, tuzoca duteruranwa na bo mu bicu, dusanganirire Umwami mu kirēre. Ni ho tuzokwama tubana n’Umwami.


ni yo yonyene ifise ukudapfa, iba mu muco utēgērwa, ata muntu yigeze ayibona, ata wushobora kuyibona. Icubahiro n’ubushobozi bidashira bibe ivyayo. Amen.


Nuko rero, kukw abana bahūje inyama n’amaraso, na we ubgiwe yahūje ivyo na bo, kugira ngw abone ukw apfa, kand’ urupfu rwiwe aruhindurishe ubusa ūfise ubushobozi bg’urupfu, ni we wa Murwanizi,


Kuko Kristo atinjiye ahēra cane hākozwe n’intoke, h’ikigereranyo c’ah’ ukuri, ariko yinjiye mw ijuru ubgaho, kugira ngo non’ aduserukire imbere y’inyonga z’Imana.


kandi hagati y’ivyo biterekwakw amatara mbona uwusa n’Umwana w’umuntu, yambaye imyambaro ishika ku birenge, yambaye mu gikiriza umukanda w’izahabu.


kandi ndi muzima; nari narapfuye, kandi rāba mpora ndi muzima ibihe bitazoshira, mfise impfunguzo z’urupfu n’iz’ i kuzimu.


Eh’ arazanana n’ibicu, kand’ ijisho ryose rizomwibonera, n’abāmucumise bazomubona: kand’ amoko yose yo mw isi azoborogeshwa na we. Ni ko biri. Amen.


Kandi mbona igicu cera; no kuri kino gicu ūkivyagiyeko, asa n’Umwana w’umuntu, yambaye igitsibo c’izahabu mu mutwe, kand’ afise umuhoro ukarishe mu kuboko.


Lean sinn:

Sanasan


Sanasan