Biblia Todo Logo
Bìoball air-loidhne

- Sanasan -




Daniyeli 7:12 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

12 Kandi na vya bikōko bindi, inganji yavyo birayakwa: ariko vyongerwa ukubaho gushitsa igihe kinaka.

Faic an caibideil Dèan lethbhreac




Daniyeli 7:12
4 Iomraidhean Croise  

Naritegereje ico gihe kubg’ ijwi rya ya magambo yo kwihayagiza ka gahembe kāvuga; nkiriko nditegereza, ca gikōko kiricwa, umuvyimba waco uraherengetera, utābga mu muriro urayigira.


Kandi mu vyo neretswe mw ijoro, nagize ntya mbona haje uwusa n’Umwana w’umuntu, azananye n’ibicu vyo kw ijuru, aza kuri wa Wundi wa mbere na mbere, baramumushikiriza.


Mbona yēgereye iyo mpfizi y’intama, irayishamira, irayisekura, iyivuna ayo mahembe yompi; kand’ iyo mpfizi y’intama ntiyagira inkomezi zo kuyihagarara imbere, arikw iyo mpene iyikubita hasi, irayisiribanga; kand’ iyo mpfizi y’intama ntihāboneka ūshobora kuyikiza ya mpfizi y’impene.


Lean sinn:

Sanasan


Sanasan