Biblia Todo Logo
Bìoball air-loidhne

- Sanasan -




Daniyeli 7:1 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

1 Mu mwaka wa mbere Belushaza umwami w’i Babuloni ari ku ngoma, Daniyeli yarose inzozi, abona ivyo yerekewe mu mutwe, ari ku buriri bgiwe. Maze yandika ivyo yarose, arobanuramw’ ingingo zavyo zikomeye.

Faic an caibideil Dèan lethbhreac




Daniyeli 7:1
34 Iomraidhean Croise  

Hanyuma y’ivyo, ijambo ry’ Uhoraho riza kuri Aburamu nko mu nzozi, riti Aburamu, nta co utinya: ni jewe nkinzo yawe, uzohabga impēra ikomeye cane.


Maze mw ijoro Imana ihamagara Isirayeli ari nko mu nzozi, iti Yakobo we! ewe Yakobo! Aritaba, ati Sabge!


Nciyumvira ivyiyumviro bivuye mw iravūta ryo mw ijoro, Igihe itiro ryinshi ritwaye abantu,


None rero genda, uvyandike ku gisate imbere yabo, uvyandike no mu gitabo, kugira ngo mu bihe bizoza bibabere igishingantahe c’intahava.


Maz’ Uhoraho arambarira, ati Wābīre igisate kinini, ucandikeko mu nyuguti zisomeka, uti Bīhutira iminyago, bītera mw isahu.


Kamenyi ni yagira ico yarose, n’akirotore; kand’ ūfise ijambo ryanje n’ avuge iryo jambo adacishije i ruhande. Mbeg’ umuguruka uhwanye ute n’ingano? ni jewe Uhoraho mbibajije.


Kand’ amahanga yose azomusaba, asabe n’umwana wiwe n’umwuzukuru wiwe, gushitsa igihe co kūzirwa kw’igihugu ciwe kigeze; ni ho amahanga menshi n’abami bahambaye bazomuhindura umuja na we.


Nuko Yeremiya yābīra uwundi muzingo, awuha Baruki umukarani mwene Neriya, awandikamw’ amajambo yose ayakūra mu kanwa ka Yeremiya, yari muri ca gitabo Yehoyakimu umwami w’i Buyuda yaturiye: kandi hongerwakw ayandi majambo menshi asa na yo.


Nuko Yeremiya ahamagara Baruki mwene Neriya; maze Baruki yandika amajambo yose y’ Uhoraho mu muzingo w’igitabo, ayakūye mu kanwa ka Yeremiya, ukw ayamubgiye.


Mu mwaka wa mirongwitatu, mu kwezi kwa kane, ku musi ugira gatanu w’ukwo kwezi, nari kumwe n’abājanywe ar’ inyagano turi ku ruzi Kebari; ijuru riruguruka, maze mbona ivyo neretswe bivuye ku Mana.


Mur’ ukwo kwerekwa n’Imana, mbona anjanye mu gihugu c’i Bgisirayeli, antereka ku musozi muremure cane, urikw icubatswe nk’igisagara aherekeye i bumanuko.


Maz’ abo basore ukw ari bane Imana ibaha gukerebuka no kuba uburyo mu vyo bigishwa vyose no mu bgenge; kandi Daniyeli yari n’ubgenge bgo gutahura ivyerekanwa vyose bo n’inzozi.


Mu mwaka ugira kabiri Nebukadineza ari ku ngoma, yarose inzozi; nukw ahagarika umutima, itiro ryiwe riraguruka.


Umwami abaza Daniyeli, ari we Beluteshaza, ati Mbeg’ urashobora kummenyesha inzozi narose, n’ingene zisobanurwa?


Maze mu vyo nerekewe mu mutwe ndi ku kirwa, ngize ntya mbona umushibamyi kandi yar’ uwera amanuka ava mw ijuru,


Ndota inzozi zintera ubgoba; ivyiyumviro nagize ndi ku kirwa, bo n’ivyo nerekewe mu mutwe bimpagarika umutima;


Umwami Belushaza arondeza amazimano menshi, atumira abaganwa biwe igihumbi, na we yuhira igiturire ar’ imbere yabo.


Ariko nawe, Belushaza, umwana wiwe, ntiwicishije bugufi mu mutima wawe, naho war’ uzi ivyo vyose;


Maze mur’ iryo joro nyene Belushaza umwami w’i Bukaludaya aricwa.


Kandi mu vyo neretswe mw ijoro, nagize ntya mbona haje uwusa n’Umwana w’umuntu, azananye n’ibicu vyo kw ijuru, aza kuri wa Wundi wa mbere na mbere, baramumushikiriza.


Maze jewe Daniyeli, umutima untunturiramwo, uhagarikwa n’ ivyo nabonye nerekewe mu mutwe.


Hanyuma y’ivyo, mu vyo neretswe mw ijoro ngira ntya mbona igikōko ca kane, giteye ubgoba c’ubuyobe, kandi c’inkomezi nyinshi; cari gifise imihāha minini y’ivyuma; kiratabagura, kirajanjanga; ibisigaye kibisiribangisha amajanja yaco. Cari gifise itandukaniro n’ ibindi bikōko vyose vyacitangiye imbere; kandi cari gifise amahembe cumi.


Mu mwaka ugira gatatu umwami Belushaza ari ku ngoma, jewe Daniyeli mbona ivyo neretswe bikurikira ivya mbere.


Hanyuma y’ivyo nzosuka Mpwemu wanje ku bari n’umubiri bose; abahungu banyu n’abakobga banyu bazovugishwa nanje, n’abatāma banyu bazorota inzozi, n’imisore yanyu izobona ivyo yeretswe.


Ereg’ Umwami Uhoraho ntazogira ico akora, atabanje kwibira akabanga abasavyi biwe avugisha.


Maz’ Uhoraho aranyishura, at’ Andika ivyo weretswe, uvyandike ku bisate mu nyuguti zisomeka, kugira ng’ ūbisoma anyarutse.


Arababarira, ati Ni mwumve amajambo yanje; asangwa muri mwebge har’ uwo mvugisha, jewe Uhoraho nzomwimenyeshereza mw iyerekwa, mvuganire na we mu nzozi.


Kukw ivyanditswe kera vyose vyandikiwe kutwigisha, kugira ngo kwihangana no guhumurizwa guheshwa n’ivyanditswe biduhe kwizigira ibizoba.


Numva mpambīrwa kwirata, naho bitagira ikimazi. Ariko ngira mvuge ivyo kwerekwa no guhishurirwa n’Umwami wacu.


Nuko wandike ivy’ ubonye n’ibiriho n’ibizoba hanyuma y’ivyo,


Kand’ imituragaro ndwi imaze kuvuga nariko ngira nandike. Numva ijwi rivuye mw ijuru rimbarira, riti Matanisha ishashara udomemw’ ikimenyetso ivyo imituragaro ndwi ivuze, ntuvyandike.


Lean sinn:

Sanasan


Sanasan