Daniyeli 6:8 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)8 Nuko rero, mugenzi, shinga ico cihanikirizo, wisinye ku candiko caco, kugira ngo coye kuzohindurwa, nk’ukw ivyagezwe vy’Abamedi n’Abaperesi bidahinduka. Faic an caibideil |
Bukeye ku musi w’icumi na gatatu w’ukwezi kwa mbere, bahamagara abakarani b’ umwami, bandika vyose nk’uko Hamani yabishinze, babirungikira ivyēgēra vy’umwami n’abaganza ibihugu vyiwe vyose, n’abaganwa bo mu mahanga yose, igihugu cose ukw inyandiko zaco ziri, n’ihanga ryose uk’ ururimi rwaryo ruri; bavyandika mw izina ry’ umwami Ahasuwerusi, babidomakw ikimenyetso co ku mpeta y’ umwami.
Baraza bavugira imbere y’umwami ivya ca cihanikirizo ciwe, bati Mbega ntiwasinye ku cihanikirizo washinze, yuko kumara imisi mirongwitatu umuntu wese azogira imana n’imwe asaba cank’ umuntu n’umwe, atari wewe, mugenzi, azotererwa mu rwobo rw’intambge? Umwami arabishura, ati Narabishinze koko, nk’ukw ivyagezwe vy’Abamedi n’ Abaperesi bishingwa ntibihinduke.