Biblia Todo Logo
Bìoball air-loidhne

- Sanasan -




Daniyeli 6:5 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

5 Bukeye abo bagabo baravugana, bati Nta rwitwazo tuzoronka kuri Daniyeli, shiti tururonse mu vy’ivyagezwe vy’Imana yiwe.

Faic an caibideil Dèan lethbhreac




Daniyeli 6:5
8 Iomraidhean Croise  

Nuko Hamani abarira umwami Ahasuwerusi, ati Harih’ ubgoko busābagiye, bukwiragiye mu mahanga yo mu bihugu vyawe vyose; kand’ ivyagezwe vyabo nta ho bihūriye n’ivy’ ayandi mahanga yose, kandi ntibitondera ivyagezwe vyawe, mwami: ni co gituma, mwami, bitabereye gupfa kubarekera ngaho.


Umunyakibi agenzura umugororotsi, Akarondera ingene yomwica.


Mwifurize amahoro igisagara, ico natumye mwambukanirwamwo, mugisengere Uhoraho: kuko kibaye amahoro namwe muzoba amahoro.


Abarira Dawidi, at’ Undushije kugororoka, kuk’ ungiriye neza, nanje jeho nakugiriye nabi.


Maz’ abagabisha b’Abafilisitiya barabaza, bati Mbeg’ abo Baheburayo bakora iki hano? Akishi yishura abo bagabisha b’Abafilisitiya, at’ Uyu si Dawidi, yar’ umuntu wa Sauli umwami w’Abisirayeli, akaba yamaranye nanje imisi, na ko n’imyaka? Kand’ uhereye igihe yacīkiye, akaza i wanje, nta kibi namubonyeko gushitsa n’ubu.


Lean sinn:

Sanasan


Sanasan