Biblia Todo Logo
Bìoball air-loidhne

- Sanasan -




Daniyeli 6:3 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

3 Maze Daniyeli aba agakomeye kuruta abandi bakuru n’abaganwa, kuko yarimw’ ubgenge bg’agahebuza; mber’ umwami yiyumvira kumwegurira kuganza igihugu cose.

Faic an caibideil Dèan lethbhreac




Daniyeli 6:3
12 Iomraidhean Croise  

Kandi mwame mugavye ntimureburure mur’ ivyo, kugira ngw ikibi ntikigwire, abami bagakehanirwa.


Ndaheza nzeza igisagara c’i Yerusalemu mwene wacu Hanani, bo na Hananiya umukuru w’iboma y’abashibamyi, kukw ar’ umuntu yizigirwa, yubaha Imana kurusha benshi;


Kuk’ uwo Muyuda Moridekayi, uwar’ amurengeye yar’ umwami Ahasuwerusi gusa, kandi yar’ agahambaye mu Bayuda, yashimwa n’ab’i wabo uko bangana; kandi yama yendeza ubgoko bgabo ivyiza, akavuga ibihesha uruvyaro rwabo amahoro.


Ūvuga make aba ar’ ubgenge, Kand’ umugwaneza aba ar’ umuntu afise umutima.


Ni wabona umuntu w’umunyamwete mu vyo akora, Ben’ uyo azokorera abami, Ntazokorera ba nyarucari.


Kandi mbona yuko mu bgenge har’ inyungu kuruta mu bupfu, nk’uko mu muco har’ inyungu kuruta mu mwiza.


kuko mur’ uwo muntu Daniyeli uwo umwami yise Beluteshaza, hābonetsemw’ ubgenge bg’agahebuza no kumenya no gutahura no gusobanura inzozi no kumenya amajambo ahiritswe, yabaye gasobanuzi k’ibisobanye. Enda rero, ni bahamagare Daniyeli, na we aravuga uko bisobanurwa.


Numvise bakuvuga ngw impwemu z’imana ziri muri wewe, kandi ng’ umuco no gutahura n’ubgenge bg’agahebuza bikubonekamwo.


Umwami ahamagara n’ijwi rirenga ngo bamuzanire abapfumu n’Abakaludaya n’abamenyi. Umwami abarira abo banyabgenge b’i Babuloni, at’ Ūshobora gusoma iyo nyandiko, akambarira ukw isobanurwa, arambikwa impuzu z’inyambarabami, n’umugufu w’ izahabu mw izosi, kand’ azoba uwa gatatu mu bakuru baganza igihugu.


Ugitangura gutakamba hacuwe ijambo, kandi nzanywe no kurikubarira, kuk’ ur’ umukundwa cane; nukw iryo jambo uryiyumvire cane, utahure n’ivyo weretswe.


Lean sinn:

Sanasan


Sanasan