Biblia Todo Logo
Bìoball air-loidhne

- Sanasan -




Daniyeli 6:26 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

26 Nshinze icagezwe ngo mu bgami bganje iyo buva bukagera, abantu bahindire agashitsi imbere y’Imana ya Daniyeli, bayubahe: kukw iyo ari yo Mana nzima, ihora ihangamye ibihe vyose; ubgami bgayo ntibuzokwigera buhangūra, kand’ ingoma yayo izoshika no kw iherezo.

Faic an caibideil Dèan lethbhreac




Daniyeli 6:26
39 Iomraidhean Croise  

Non’ umuntu wese muri mwebge wo mu bantu biwe bose, Imana yiwe n’ibane na we, adūge i Yerusalemu mu Buyuda, yubake ingoro y’Uhoraho Imana y’Abisirayeli, ari yo Mana iba i Yerusalemu.


Kandi jewe umwami Aritazeruzi, mbariye abazezwabintu banje bose bo hakurya y’ uruzi, ku vya Ezira umuherezi, umwanditsi w’ivyagezwe vy’Imana Nyen’ ijuru, yukw ivy’ azobāka vyose bizohora bitanganwa umwete,


Umubiri wanje uhindishwa agashitsi no kugutinya; Kandi ntinya imanza zawe.


Uhoraho azohora ahangamye uk’ urunganwe ruzogenda rukurikira urundi, Imana yawe, Siyoni, izohora ihangamye ibihe vyose. Haleluya!


Musabe Uhoraho mwubashe, Munezeranwe guhinda agashitsi.


Uhoraho yar’ avyagiye hejuru ya wa Mwuzure: Ni koko, Uhoraho avyagiye ahangamye ibihe bidashira.


Umutima wanje ugirira Imana inyota, Imana nzima: Nzoza ryari ngo nseruke mu nyonga z’Imana?


Kukw ivyo vyose intoke zanje ari zo zabiremye, bikabaho vyose, ni k’ Uhoraho agize; arik’ umuntu w’impahazwa afise umutima umenetse, agahindishwa agashitsi n’ ijambo ryanje, uwo ni we nzohozakw ijisho.


Ukugwira kw’ubutware bgiwe n’amahoro ntibizogira iherezo, ku ngoma ya Dawidi no ku bgami bgiwe, bibukomeze, bibushigikize guca imanza zibereye n’ukugororoka, uhereye none ugashitsa ibihe vyose. Umwete w’Uhoraho Nyen’ ingabo uzoshitsa ivyo.


Arik’ Uhoraho ni we Mana y’ukuri; ni we Mana nzima, n’Umwami yamaho ibihe bidashira: uburake bgiwe buhindisha isi agashitsi, kand’ amahanga ntashobora kwihanganira ubushangashirwe bgiwe.


Nuko ku ngoma z’abo bami, Imana yo mw ijuru izohagurutsa ubundi bgami butazokwigera buhangūra, kand’ ingoma y’inganji yabgo nta ho izonyagwa n’irindi hanga; ariko buzomara bukomvomvore ubgami bgose bg’abo bami; yamara bgo buzohangama gushitsa ibihe vyose.


Ni co gitumye nshinga icagezwe, yuk’ umuntu wese wo mu bgoko bgose cank’ ihanga canke wo mu bavuga indimi zitari zimwe, azovuga nabi Imana ya Shaduraka na Meshaki na Abedunego, azohimbagurwa, kand’ urugo rwiwe ruzosigara ar’ itongo; kukw ata yindi mana iriho ishobora gukiza ben’ ubu buryo.


Es’ ukuntu ibimenyetso vyayo ar’ ibikomeye, n’ibitangaza vyayo ar’ ibihambaye! Ubgami bgayo n’ ubgami butazoshira, kand’ ingoma yayo izohangama ukw ibihe bikūranwa.


Igihe cashinzwe kirangiye, jewe Nebukadineza nunamurira amaso yanje mw ijuru, akenge karagaruka, nca mpimbaza Īsumba vyose, kandi nshima Ībaho ibihe bitazoshira, ndayubaha; kukw ingoma yayo ar’ ingoma itazohangūra, kand’ ubgami bgayo buzohangama ukw ibihe bikūranwa.


Ashitse hafi ya rwa rwobo Daniyeli yarimwo, ahamagara n’ijwi ry’umubabaro, abaza Daniyeli, ati Yewe Daniyeli musavyi w’Imana nzima, mbeg’ Imana yawe ukorera na ntaryo yashoboye kugukiza izo ntambge?


Aca ahabga inganji n’icubahiro n’ubgami, kugira ngw amoko yose n’amahanga n’abavuga indimi zitari zimwe bamusabe: ingoma yiwe n’ingoma itazovaho, kand’ ubgami bgiwe n’ubgami butazohangura.


Kand’ ubgami n’inganji n’ubukuru bg’ubgami bgose buri musi y’ijuru hose bizogabirwa ubgoko bg’abera b’ Īsumba vyose; ubgami bgayo n’ubgami buzokwamaho, kand’ abami bose bazoyikorera bayumvire.


Yamar’ amaherezo, igitigiri c’Abisirayeli kizongana nk’umusenyi wo ku kiyaga, udashobora kugerwa ku ngero canke guharūrika. Kand’ ahantu bābgiriwe, ngo Ntimur’ abantu banje, ni ho nyene bazobgirirwa, ngo Mur’ abana b’Imana nzima.


Kuko jewe Uhoraho ata ho mpinduka; ni co gituma, mwebge bana ba Yakobo, mutāmazwe rwose.


kandi ntutujane mu bitwosha nabi, arik’ udukize wa Mubi. [Kuk’ ubgami n’ubushobozi n’icubahiro ar’ ivyawe ibihe bidashira. Amen.]


ahangame mu nzu ya Yakobo ibihe bidashira; ubgami bgiwe ntibuzogira iherezo.


Ariko ndabereka iyo mukwiye gutinya: mutinye Iyiheza kwica umuntu, ikagira ububasha bgo kumukororera muri Gehinomu. Ni koko, ndababgire, abe ari yo mutinya.


kandi ntikorerwa n’amaboko y’abantu, nk’ūri n’ic’ akennye: kukw ari yo yahaye bose ubugingo, no guhumeka, n’ibindi vyose.


Kand’ aho hantu bābgiriwe, ngo Ntimur’ abantu banje, Ni ho bazokwitirwa abana b’Imana nzima.


Muti Ni nde mu baremwe bose yigeze kwumva ijwi ry’Imana nzima rivugira hagati mu muriro, nk’uko twebge turyumvise, agaheza akabaho ntapfe?


Kuko bose bīvugira ubgabo inkuru z’ingene twaje muri mwebge, kand’ ingene mwahindukiriye Imana, mugaheba ibigirwamana, ngo mukorere Imana nyakuri kandi nzima,


kukw Imana yacu ar’ umuriro utōngōra.


Gutanga kwose kwiza, n’ingabire yose itunganye rwose biva mw ijuru, vyururuka biva kuri Se w’imico, adashobora guhinduka canke kugira igitūtu gitewe n’uguhindagurika.


Umumarayika w’indwi avuza inzamba: mw ijuru hakurikira amajwi arenga, at’ Ubgami bg’isi buhindutse ubg’ Umwami wacu n’ubga Kristo wiwe, kand’ azohora ahangamye ibihe bitazoshira.


ba bakuru mirongwibiri na bane baca bikubita imbere y’Īvyagiye kur’ iyo ntebe, bagasenga Ībaho ibihe bitazoshira, bagaterera ibitsibo vyabo imbere y’iyo ntebe, bavuga,


Kandi vya binyabugingo bine biravuga, biti Amen. Bano bakuru bikubita hasi, barasenga.


Maze Dawidi abaza abantu bahagaze i ruhande yiwe, at’ Uwokwica uwo Mufilisitiya, agakūra igitutsi ku Bisirayeli, bomugororera iki? Mbeg’ uwo Mufilisitiya w’intakebga n’iki, ah’ acōkōra ingabo z’Imana nzima?


Non’ umusavyi wawe ko namaze kwica intambge n’idubu, n’uwo Mufilisitiya w’intakebga azopfa nka kimwe muri vyo, kuko yacōkōye ingabo z’Imana nzima.


Lean sinn:

Sanasan


Sanasan