Biblia Todo Logo
Bìoball air-loidhne

- Sanasan -




Daniyeli 6:25 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

25 Nuk’ umwami Dariyo yandikira amoko yose n’amahanga n’ abavuga indimi zitari zimwe baba mw isi yose, at’ Amahoro agwire muri mwebge!

Faic an caibideil Dèan lethbhreac




Daniyeli 6:25
14 Iomraidhean Croise  

Maz’ umwami arungikira inyishu uwo mujanama Rehumu na Shimushayi umukarani na bagenzi babo baba i Samariya no mu bindi bihugu vyo hakurya y’ uruzi, ati N’amahoro. None rero


Bukeye ku musi w’icumi na gatatu w’ukwezi kwa mbere, bahamagara abakarani b’ umwami, bandika vyose nk’uko Hamani yabishinze, babirungikira ivyēgēra vy’umwami n’abaganza ibihugu vyiwe vyose, n’abaganwa bo mu mahanga yose, igihugu cose ukw inyandiko zaco ziri, n’ihanga ryose uk’ ururimi rwaryo ruri; bavyandika mw izina ry’ umwami Ahasuwerusi, babidomakw ikimenyetso co ku mpeta y’ umwami.


Nuko Hamani bamumanika kur’ ico giti nyene yari yiteguriye Moridekayi. Maz’ uburake bg’umwami burahwama.


Nukw ico gihe abakarani b’ umwami barahamagarwa, hāri ku musi wa mirongwibiri na gatatu w’ukwezi kwa gatatu kwitwa Sivani, bandika ivyo Moridekayi ashinze ku Bayuda vyose, bavyandikira ivyēgēra vy’umwami, n’abaganza ibihugu, n’abaganwa b’ibihugu ijana na mirongwibiri n’indwi, uhereye i Buhindi ugashitsa Etiyopiya, igihugu cose ukw inyandiko zaco ziri, n’ihanga ryose uk’ ururimi rwaryo ruri; bandikira n’Abayuda mu rurimi rwabo ukw inyandiko zabo ziri.


Yimvye icobo arakibirikiza, Agwa mu mugazo yagazuye.


Uhoraho yimenyekanishije, yarashikije imanza: Ategesha umunyakibi ibikorwa vy’intoke ziwe nk’ umutego. Higayoni. Sela.


Umugororotsi akizwa ivyago, Kand’ umunyakibi agwa mu mpōrero yiwe.


Umusiguzi asemerera n’ijwi rirenga, ati Yemwe moko n’amahanga n’abavuga indimi zitari zimwe, ngibi ivyo mugezwe:


Jewe umwami Nebukadineza ndabandikiye, moko n’amahanga n’abavuga indimi zitari zimwe mwese, muri kw isi yose: amahoro agwire muri mwebge.


muze mumushire aho yagira ashire mugenzi we. Ukw az’ abe ari ko mukūra ikibi hagati muri mwebge.


mwatoranirijwe mu kweza kwa Mpwemu nk’ukw Imana Data wa twese yabamenye uhereye kera, kugira ngo mwumvire Imana, mucucagirwe amaraso ya Yesu Kristo. Ubuntu n’amahoro bigwire muri mwebge.


Ubuntu n’amahoro bigwire muri mwebge, mubiheshwa no kumenya Imana neza na Yesu Umwami wacu.


Imbabazi n’amahoro n’urukundo bigwire muri mwebge.


Lean sinn:

Sanasan


Sanasan