Biblia Todo Logo
Bìoball air-loidhne

- Sanasan -




Daniyeli 6:24 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

24 Maz’ umwami avuga ko bazana ba bagabo bāreze Daniyeli; babaterera muri rwa rwobo rw’intambge, bo n’abana babo n’abagore babo; zibasamira mu kirēre zibajanjagurana n’amagufa yabo, batarushe bashika no hasi mu rwobo.

Faic an caibideil Dèan lethbhreac




Daniyeli 6:24
13 Iomraidhean Croise  

Arikw abana b’abo bicanyi ntiyabica, nk’uko vyanditswe mu gitabo c’ivyagezwe vya Mose, ivyashinzwe n’Uhoraho, ngw Abavyeyi ntibaze bicwe bazize abana babo, kand’ abana ntibaze bicwe bazize abavyeyi: ngw Arik’ umuntu wese az’ azire iciwe caha.


Nuko Hamani bamumanika kur’ ico giti nyene yari yiteguriye Moridekayi. Maz’ uburake bg’umwami burahwama.


abo bose ukw ar’ icumi bishe, bāri bene Hamani umwansi w’Abayuda, mwene Hamedata; ariko ntibākojeje ukuboko kwabo kw isahu.


ariko bishitse ku mwami, umwami arungika ivyete bivuga yukw iyo migabo mibi Hamani yari yagabiye ku Bayuda imugaruka ku mutwe, kandi yuk’ ubgiwe n’abahungu biwe bamanikwa ku biti.


Abansi banje azobasubizakw iyo nabi; Ubahonnye kubg’ ukuri kwawe.


Umugororotsi akizwa ivyago, Kand’ umunyakibi agwa mu mpōrero yiwe.


Icabona c’ibinyoma ntikizobura guhanwa, Kand’ ūvuga ivy’ ubuhūmvyi azoranduka.


Nariyumanganije nshitsa mu gatondo; arikw avunagura amagufa yanje yose nk’ ukw intambge igira: Umusi ugeze kwīra azoba amaze kumpeza.


Nuko rero, uku ni ko mvuze, jewe Uhoraho, nti Ntimwanyumviye, ngo mutange umwidegemvyo, ng’ umuntu wese arekure mwene wabo, umuntu wese arekure mugenzi we: nuko rero nanje ntanze umwidegemvyo kuri mwebge, ni jewe Uhoraho mbivuze, w’inkota n’ikīza n’inzara; kandi nzotuma mutererekanywa irya n’ino mu bihugu vy’ abami bose bo mw isi.


Maze kukw icagezwe c’umwami car’ ikibiriraho, kand’ itanure ryar’ ikibengebenge rwose, bituma ibirimi vy’ uwo muriro vyica abo bagabo bāri bateruye Shaduraka na Meshaki na Abedunego.


Abavyeyi ntibaze bicwe bazize abana babo, kand’ abana ntibaze bicwe bazize abavyeyi: umuntu wese az’ azire iciwe caha.


Lean sinn:

Sanasan


Sanasan