Daniyeli 6:24 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)24 Maz’ umwami avuga ko bazana ba bagabo bāreze Daniyeli; babaterera muri rwa rwobo rw’intambge, bo n’abana babo n’abagore babo; zibasamira mu kirēre zibajanjagurana n’amagufa yabo, batarushe bashika no hasi mu rwobo. Faic an caibideil |
Nuko rero, uku ni ko mvuze, jewe Uhoraho, nti Ntimwanyumviye, ngo mutange umwidegemvyo, ng’ umuntu wese arekure mwene wabo, umuntu wese arekure mugenzi we: nuko rero nanje ntanze umwidegemvyo kuri mwebge, ni jewe Uhoraho mbivuze, w’inkota n’ikīza n’inzara; kandi nzotuma mutererekanywa irya n’ino mu bihugu vy’ abami bose bo mw isi.