Biblia Todo Logo
Bìoball air-loidhne

- Sanasan -




Daniyeli 6:20 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

20 Ashitse hafi ya rwa rwobo Daniyeli yarimwo, ahamagara n’ijwi ry’umubabaro, abaza Daniyeli, ati Yewe Daniyeli musavyi w’Imana nzima, mbeg’ Imana yawe ukorera na ntaryo yashoboye kugukiza izo ntambge?

Faic an caibideil Dèan lethbhreac




Daniyeli 6:20
30 Iomraidhean Croise  

Mbega har’ ikinanira Uhoraho? Igihe gishinzwe, umwaka ugeze ah’ uyu ugeze, nzogaruka i wawe Sara yavyaye umuhungu.


Murondere Uhoraho n’inkomezi ziwe; Murondere mu nyonga hiwe ibihe bidashira.


Nshize umutima wanje ku gushitsa ivyo washinze Ibihe vyose, gushitsa no kw iherezo.


Nzokwama nshima Uhoraho nkiriho, Nzokwama ndirimbira Imana yanje ishimwe ngihumeka.


Yamara rero namana nawe na ntaryo, Umfashe ukuboko kw’i buryo.


nt’ Ewe Mwami Uhoraho! Erega ni wewe waremye ijuru n’isi, ubiremesha ubushobozi bgawe buhambaye, n’ukuboko kwawe kurāmvuye: nta kintu na kimwe kikunanira.


Nuko noneho ni mwumva amajwi y’inzamba n’imyironge n’inanga n’amakembe n’imiduri na sumponya n’ibindi vy’ubgoko bgose bivuga, mukemera kwikubita hasi mugasenga igishushanyo nakoze, bizoba ari vyiza; ariko ni mutagisenga, muca mutererwa mw itanure ry’umuriro uhinda; mbeg’ imana yobakiza mu maboko yanje yoba iyihe?


Asangw’ ari ko bimeze, Imana yacu dusavye ishobora kudukiza mur’ iryo tanure ry’umuriro uhinda; kandi ntiyobura kudukiza mu kuboko kwawe, mugenzi.


Nuk’ umwami apfa kubigera, bazana Daniyeli, bamuterera mu rwobo rw’intambge. Maz’ umwami abgira Daniyeli, at’ Imana yawe wama ukorera iragukiza.


Ijoro rikeye mu mutwenzi umwami aravyukuruka, agenda yihuta aja kuri rwa rwobo rw’intambge.


Nshinze icagezwe ngo mu bgami bganje iyo buva bukagera, abantu bahindire agashitsi imbere y’Imana ya Daniyeli, bayubahe: kukw iyo ari yo Mana nzima, ihora ihangamye ibihe vyose; ubgami bgayo ntibuzokwigera buhangūra, kand’ ingoma yayo izoshika no kw iherezo.


Ni yo irokora igakiza, ikora ibimenyetso n’ibitangaza mw ijuru no mw isi, kandi ni yo yakūye Daniyeli mu menyo y’intambge.


Nuko rero, hindukirira Imana yawe: gumya imbabazi n’ibiroranye, kandi wame urorēra Imana yawe udahengeshanya.


Uhoraho yishura Mose, ati Mbeg’ ukuboko kwanje Uhoraho kwabaye kugufi? None hinge urābe yukw ijambo ryanje nkubgiye rishika canke ko ridashika.


kukw ata jambo rivuye ku Mana ribura ububasha.


Abacira umugani wo kubigisha ko bakwiye guhora basenga, ntibarambirwe,


Ariko tweho tuzoshishikara gusenga no kugabura ijambo ry’Imana.


Abarondera ubgiza n’icubahiro no kudapfa, bahora bakora ivyiza bihanganye, izobishura ubugingo budashira.


yadukijije urupfu rukomeye rurtyo, kand’ izodukiza; ni yo twizigira yukw izokwama irudukiza,


Mukovye mu gusenga, mukubemwo maso, mushima;


Ni co gituma kandi mbabazwa ntya, yamara ntibintera isoni, kuko nzi uwo nizeye, kandi nzi ntakekeranya yukw ashobora kuzigama ikibītsanyo namubīkije gushitsa kuri wa musi.


Ni co gituma ashobora gukiza rwose abashikīra Imana kubgiwe, kuko na ntaryo yamaho ngw abasabire.


Ariko, uwitegereza ivyagezwe bitunganye rwose, ari vyo vy’umwidegemvyo, akabishishikara, atar’ uwumva akavyibagira, arikw ar’ ūbikora, ni we azohabga umugisha mu vy’ akora.


Ariko, Īshobora kubazigama ngo ntimutsitare, no kubahagarika imbere y’ubgiza bgayo mudafise agasembga munezerewe cane,


Lean sinn:

Sanasan


Sanasan