19 Ijoro rikeye mu mutwenzi umwami aravyukuruka, agenda yihuta aja kuri rwa rwobo rw’intambge.
Nuk’ umwami asubira mu ngoro yiwe, akesha ijoro adafūnguye, ata n’ivyo kumunezereza bamuzanira; ntiyaruha agoheka.
Ashitse hafi ya rwa rwobo Daniyeli yarimwo, ahamagara n’ijwi ry’umubabaro, abaza Daniyeli, ati Yewe Daniyeli musavyi w’Imana nzima, mbeg’ Imana yawe ukorera na ntaryo yashoboye kugukiza izo ntambge?
Umusi w’isabato ushize, ku wa mbere w’imisi ndwi, umutwenzi ugomba gutambika, Mariya Magadalene na Mariya wundi baja kurāba imva.
Kandi mu mutwenzi ku wa mbere w’imisi ndwi barazinduka, bashika ku mva izuba rimennye ijuru.
nabuze uko nduhuka mu mutima wanje, kuko ntasanzeyo Tito mwene Data; nuko narabasezeye, nja i Makedoniya.
Nanje ni co catumye ntuma iyo, bitakinkundiye kwihangana, kugira ngo mmenye ukwizera kwanyu, nikenga ko wa musukanyi yoba yarabasutse, natwe tukaba twaratamijwe n’ubusa.