1 Maze Dariyo abona kw ari vyiza kugabanganya igihugu abaganwa ijana na mirongwibiri, ngo bakwire igihugu cose.
Ku ngoma ya Ahasuwerusi, (Ahasuwerusi uyo, ni we yaganza ibihugu ijana na mirongwibiri n’indwi, uhereye i Buhindi ugashitsa Etiyopiya),
Mwiteguze amahanga kurwana na ho, bo n’abami b’i Bumedi, n’abagabisha baho, n’ abaganza baho bose, n’ibihugu vyose biganzwa na ho.
Kandi nanje, mu mwaka wa mbere Dariyo w’Umumedi ari ku ngoma, nakūwe hasi no kumufasha no kumuremēsha.
Nuk’ umwami Nebukadineza atuma gukoranya ivyēgēra vyiwe n’abaganwa n’abagabisha n’abajanama bakuru, n’abazezwabintu n’abacamanza n’abashingantahe n’abatware bose bo mur’ ivyo bihugu, ngo baze guhezagira ico gishushanyo umwami Nebukadineza yari yahagaritse.
Ubgo bgami buhabga Dariyo Umumedi, yar’ amaze imyaka nka mirongwitandatu n’ibiri y’amavuka.
Kand’ ashira hejuru yabo abakuru batatu bo kubaganza, umwe muri bo yari Daniyeli; kwar’ ukugira ngw abo baganwa babashikirize ivyo bātoje, ng’ umwami ntagire ico ahomba.
Mu mwaka Dariyo mwene Ahasuwerusi wo mu ruvyaro rw’Abamedi yimyemwo, yimitswe kuba umwami w’igihugu c’Abakaludaya,
cank’ abakuru, kukw ari bo atuma guhana inkozi z’ibibi no gushima inkozi z’ivyiza.